Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uganda: itegeko rihasha abahuza ibitsina babisangiye ryatumye igihugu cimwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Uganda: itegeko rihasha abahuza ibitsina babisangiye ryatumye igihugu cimwa (...)

Uganda: itegeko rihasha abahuza ibitsina babisangiye ryatumye igihugu cimwa imfashanyo

samedi 1er Ntwarante 2014

Ibanki y’isi yose yari mu mugambi wo gufasha igihugu c’Ubuganda mu mugambi wo guteza imbere amagara y’abantu, yaciye iba irigiza inyuma ingurane y’amadolare agera ku miriyoni 90 y’Amerika, bivanye n’itegeko rishasha riherutse kwemezwa ryo guhasha abahuza ibitsina babisangiye.

Itegeko ryemejwe n’abashingamateka bo mu gihugu c’Ubuganda, rivuga ko abohirahira bagafatwa bariko barahuza ibitsina kandi babisangiye, bazoca bacibwa igihano co gupfungwa ubuzima bwabo bwose. Iryo tegeko abanyaburaya bavuga ko riherekejwe n’igihano gikomeye ukwo, akaba ariryo ryatumye ibanki y’isi yose nayo, ica ifata ingingo yo kwigiza inyuma iyo ngurane yari ije igenewe guteza imbere amagara y’abantu. Umukuru w’ibanki y’isi yose Jim Yong Kim avuga ko mwene ayo mategeko ashobora kubuza igihugu guhiganwa n’ibindi kuko, ashobora gutuma abarwizatunga batajanayo imitahe yabo, canke kuhakorera ubundi buzi.

Umuvugizi wa Reta ya Uganda, Opondo avuga ko ivyo abanyaburaya bakora vyose arivyo, kandi kw’ibihugu vyari bikwiye kwubahana nk’ibihugu vyigenga. Yabwiye BBC ati : ’’Harabaye igihe, aho amakungu yafata ko urudandazwa rw’abantu n’ubuja vyari vyiza, ko ubukoroni bwari bwiza, ko gutembagaza intawro zo muri Africa vyari vyiza, ... nibaza ko Uganda na Africa nzima bikwiye guhaguruka, bikanka ako kigenzo’’.

Iyo ngingo y’ibanki y’isi yose, kikaba arico gihano ca mbere mpuzamakungu gifatiwe Uganda kuva iryo tegeko ryemezwa, ryo guhasha abagabo canke abagore bohirahira bagahuza ibitsina n’abo babisangiye. Yoweri Museveni, umukuru w’igihugu c’Ubuganda akaba yemeje iryo tegeko ryo guhana abo bahuza ibitsina, avuga ko ashaka kwereka abanyaburaya ko igihugu ciwe cigenga, kandi cikukiye.

Uganda kikaba ari igihugu kigendera ku mico ya kera, aho abantu benshi badashigikiye abahuza ibitsina kandi babisangiye. Iryo tegeko rero ryo kureka abahuza ibitsina babisangiye bakidegemvya, rikaba rimaze iminsi ryiyamirizwa na bimwe mu bihugu bitandukanye vyo muri Afrika.


Aristide Nizigire

Messages

  • May The Almight Godbless The INDIPENDENT Republic of Uganda and Our Beautifull African!!!!!!!Banyafrica mwese ooooyeeeeee!!Ntimute akaranga kubwivyo biburasoni vyataye IMANA YERA YAREMYE IJURU NISI bidutegekesha imfashanyo zitumaza umusi umwe ariko zikatumarana nibibondo vya AFRICA YACU NZIZA CANE twahawe nimana tuyirazwe naba Sokuru!!AFRICA UP,MOFI UNDER GROUND!!

  • Turakeje uganda kwiyo ngingo yafashe ntizokena ngo nuko amakungu atayifashije basha umuhero uradushwayemwo nahora ndvyumva kera nkibaza ngo ntibizoshika twashikiwe pe kandi igifatiye kunda ntcomvuze

  • ivy binnt kko birakwiy guhashwa can kuko biratey nubwob

  • uwishe1 abayishe yose amategeko y,IMANA.simbona icatumye itaritora?ubugizi bwanabi museveni afatanije na kagame mukwica impunzi zabanyarwanda.mwibaza karubukirusi ari ubugome barabwamanye nicogituma jew ntovugango nubukirisu arabicanyi gusa.

  • Uganda ndabakunze rwose kuriyo ngingo yafashe yoguhasha abahuza ibitsina babisangiye!nibindi bihugu nibibonereho akarorero.

  • Mwiriwe gabenewacu?reka gukoresh’ayomafoto yivyo bigirw’imana kuko har’igih’ub’urimw’usom’amakur’urikumwe n,umwana.none akubajije .ati?hab’iki wewe womwishur’iki?kandi dushaka guhish’ayo mashano.turiyamye.obama.musenyeri tutu.john kerry ubufarasa horande.afica yepfo naho ariho mba. I bank yisi bose nibaje mumuriro wasatani kuko nibo bamarayika bayo. Nayo twe imama izatuvura tuzokira umukiranutsi ntapha mwifate rugabo abo mu buganda umukiranutsi ntapfa naho yopha aba ameze nkiwa batema ariko rigakomeza warihonyora rikaguma rikuzibura.rwana rugabo museveni ooooyeeeeee?

  • N’ukuri, ntawuba mubi hose kandi igito cokwiberaho; Mseven yaragumbiriye ubutegetsi, mbere igihugu kiba indiri y’abarwanya ibindi bihugu, ariko mugihe Uhoraho azogera kuri dossier yiwe aze yibuke ko igihugu ciwe, ku ngoma yiwe biyamirije ivyayishavuje I SODOMA na GOMORA, yirinde kumuhana ikirakaye. Icompa agaheraho yihana!

  • Abo bazungu nukuraba neza boba bafise icobamuziza.Nayubundi.Abo bazungu bazodukwegera akarambaraye.Ariko vyose tubitegwa naba prasident bose bo muri Afrika atajambo bafise.Ejo bundi bararenganije Kaddafi incungu y,Afrika barorera ntibagira icobavuga.Haguruka mushigikire,Robert Mugabe niwe wenyene asigaye yanka agasuzugurokabo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.