Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambi ugiye kugabanura igitigiri c’abandura umugera wa SIDA muri Afrika (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Umugambi ugiye kugabanura igitigiri c’abandura umugera wa SIDA muri Afrika (...)

Umugambi ugiye kugabanura igitigiri c’abandura umugera wa SIDA muri Afrika y’ubuseruko

lundi 14 Mukakaro 2014

Umuryango w’ibihugu vyo muri Afrika y’Ubuseruko wiyemeje kurwanya bimwe biboneka ikiza ruhonyanganda SIDA mu karere biciye mu kuronsa inyigisho zo kwikingira no mu gushigikira abawugenda mu kubaronsa imiti bitagoranye, aho hose bazoba bari.

Ukurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, igituntu hamwe n’indwara ziciye mu bihimba vy’irondoka, ni bimwe mu vyaganiriwe mu nama yamaze iminsi ibiri ikoraniye mu gisagara ca Bujumbura, irongowe n’intumwa zidasanzwe zo mu biro vy’ubunyamabanga bw’umuryango wa Afrika y’ubuseruko.
Muganga Rirangira Yohani yaserukiye ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonanganda SIDA muri iyo nama, yamenyesheje ko ko ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko vyiyemeje gushira inguvu hamwe mu kurwanya bimwe biboneka ikiza ruhonyannganda SIDA biciye mu buryo bwo kwikingira.

Bimwe mu vyashimitswe ko muri iyo nama, akaba ari ibikorwa bigiye gushirwa imbere muri ino myaka itanu igiye kuza, kuva mu mwaka w’2015 gushika mu mwaka w’2020, mu mugambi wo kubaganura bimwe biboneka abandura umugera wa SIDA. Ikindi naco kigiye gukorwa muri uwo mugambi, n’uko abantu bose bamaze gufatwa n’uwo mugera bazokurikiranirwa hafi mu kubaronsa imiti n’inyigisho aho baherereye ku buryo atawosubira gusinzikara canke asubire gukumirwa.

Muganga Rirangira amenyesha ko intumbero y’uwo mugambi ugiye gushingwa muri ino myaka itanu, akaba ari uko ibihugu vyose vyo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko vyogira intumbero imwe mu kuvura bene izo ndwara hamwe no mu gutanga impanuro n’inyigisho zimwe mu kuzikingira. Ivyo bikazotuma atawuzosubira kugira ingorane z’ingene yokwikingira aho azoba ari hose mu gihe yoba ari muri kimwe muri ivyo bihugu, na cane cane ku basanzwe bakunda kugira ingendo.

Mwomenya ko umuryango w’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko wipfuza kwigenga ku bijanye no kuronka imiti yo gupfupfahaza umugera wa SIDA, mu gihe yari isanzwe irinda kuva mu bihugu vyo hanze. Ivyo bihugu bikaba bifise ihangiro ryo kwigirira ihinguriro ry’imiti yaryo ku buryo bitazosubira kugorana mu kuronka iyo miti.
Umuryango w’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko ukaba uhamagarira ukwitanga kw’igihugu cose kiri muri ako karere, haba mu bikorwa canke mu gutanga uburyo, kugira bashike kw’ihangiro biyemeje ryo gusubira kugabanya abandura umugera wa SIDA.


Mariella Bukuru

Messages

  • none komuvugako mugiyekuga banya igitigiri cabandura umugerawasida harico mwobamufise mudashaka kutubwira kirotuma tutandura umugerawasida konumvango mugihugu cuburundi ngo abarwaye ngo nibeshi? none?murohava mubishikako hamwe abarwaye bababake abakomeye bakaba beshi ivyo muroha vura mubi shikako?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.