Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuhari M23 ugiye gusezererwa burundu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Umuhari M23 ugiye gusezererwa burundu

Umuhari M23 ugiye gusezererwa burundu

jeudi 12 Ruhuhuma 2015

Mu mayinga make gusa, umuhari wa M23 ntuzoba ukivugwa, nk’uko vyemezwa na François Muamba ajejwe gukurikirana ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’ Addis-Abeba hagati y’uwo muhari n’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Amenyesha ko abahinga mpuzamakungu, uwujejwe gutunganya ingendo mu buserukizi bw’Urwanda mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo na Saïd Djinnit aserukira igihugu ca Ouganda, baravye ahageze ishirwa mu ngiro y’ivyapfundikiwe mu nama yabereye i Nairobi mu gihugu ca Kenya.

François Muamba akaba yamenyesheje inyuma y’inama yabaye hagati y’abaserukizi b’ivyo bihugu bitatu, ko umurwi uhurikiyemwo bose ni ukuvuga abazoba bava mu gihugu c’Urwanda, Kongo iharanira intwaro rusangi n’Ubuganda, ko bazokwihweza abazohurira mu gihugu c’Ubuganda, kugira basuzume abahoze ari abarwanyi ba M23, baheze basabe abashaka gusubira mu gihugu cabo batahe, abadashaka nabo bigumire mu buhungiro.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.