IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Umukuru wa PISC Burundi yoba yatanguye kuzira ikiringo ca gatatu c’umukuru (...)

Umukuru wa PISC Burundi yoba yatanguye kuzira ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu

samedi 4 Ndamukiza 2015

Sammuel Nkengurukiyimana arongoye ishirahamwe atahoryegamiye mu vya poritike PISC Burundi, ashobora gukurwa mu mabanga yo kurongora iryo shirahamwe umwanya n’umwanya.

Urwo runani rusanzwe ruri mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike PISC Burundi, rukaba rwari rwatanguye inyuma y’aho umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana ashakiye gufuta urunani FORSC rutaharanira ivyicaro vya poritike. Sammuel Nkengurukiyimana rero, akaba ariko agomba gukurwa ku burongozi bw’iryo shirahamwe, inyuma yaho nawene, binuganugiwe ko aterekwa ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu.

Sammuel Nkengurikiyimana rero avuga ko ayo makuru nawe amaze kuyumva ko ashobora gukurwa muri ayo mabanga, mbere akavuga ko n’umuteakano wiwe ushobora guhungabanywa. Sammuel Nkengurukiyimana rero avuga ko kumukura bitariko bikurikizwa n’amategeko, kuko amashirahamwe asanzwe ari muri urwo runani, atigeze akorana kugira akurwe, akabona ko bidakurikije amategeko.


Aristide Nizigire

Messages

  • Nne kashizingani abantu bose bavuzukuri bose babe abasi? Nne agomba nne president azosigarana nande?

  • ukwo kuri ni mwe mukubona,onésime mwabonye amajambo mwamukurikije yarazi ngo ariko ashira imbere inyungu z’igihugu,

  • kananira abagabo ntiyimye niyumve ivyo bamuhanura kuko intabarirwa ibarirwa nuko amaso atukuye birababaje.

  • Mugiye mwahinyuka basha. Ko bavuze ko pisc burundi ari ishirahamwe ridaharanira ivyicaro vya politique, none Reta niyo igena abarirongoye? Iyo bavuga ko ari mubari mw’ishirahamwe bashaka kumukura nari kuvyumva! Aho naho uwushaka kumusubirira niwe twari kwumva ubwa mbere! Wewe urongoye pisc, urumva ko wahora ubesha abantu ngo urongoye ishirahamwe ridaharanira ivyicaro vya politique kandi ari ishirahamwe ryegukira umugambwe.

  • Oya sha, igihe pacifique yatabarizwa ko ageramiwe we ko utavuga, ubu nawe urashikiriwe none uriko uraboroga? Ntiwari uzi ko "la nyakurisation mange ses propres fils"? bayi

  • None karashize ingani umuntu wese yase ikiringo ca gatatu muriki gihugu cacu koyoca akurwa ku mirimo yiwe?mbe umunyagihugu mwirimizi we biraheza bimere bite?MANA garukira abarundi n’igihugu cawe wakunze ugikure murako kabi cerekeza kuganamwo.

  • amashirahamwe atari mu vya politique,arigenga ntibayitiranye n’imigambwe.

  • jewe nibazako ubwoko atabwo murivyo vyokwiyamiriza 3 eme manda,mukugira commentaire mubanze mwiyumvire ntimusharwe kururime,kuko ntahovyogushikana,komera F0RMER PRESIDENT SYLVESTRE NTIBANTUNGANYE,erega igihugu kiracafise abashingantahe,ntasoni umuntuwese ariko yikika mumacakubiri ateshwe kubi,ntabikiriho iburundi.

  • nibanurekebihanganire bonyene kuko sumunyeporitike.nibavugane ukwabonayouwomwenedatayiyoborere iryoshirahamweg

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.