Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abapasitori babiri bava muri Kongo bahagaritswe bagirizwa gufata (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abapasitori babiri bava muri Kongo bahagaritswe bagirizwa gufata (...)

Abapasitori babiri bava muri Kongo bahagaritswe bagirizwa gufata umunyeshuri ku nguvu

vendredi 15 décembre 2017

Umugabo wa mbere yitwa MUSHAGALUSA Daniel avuga ko ari umupasitori mw’ishengero Eglise Evangeliste UWEZO, uwundi yitwa MISIMWA Muzaliwa ariko azwi ku mazina y’ikirundi nka NKURUNZIZA Alexandre.

Moise NKURUNZIZA, icegera c’umuvugizi w’igiporisi amenyesha ko MUSHAGALUSA Daniel yafashwe kw’igenekerezo rya 8 Kigarama 2017, mu gihe MISIMWA Muzaliwa yafatiwe mw’ihoteri imwe iri mu gisagara ca Bujumbura kw’igenekerezo rya 9 Kigarama 2017.

Icegera c’umuvugizi w’igiporisi amenyesha ko abo bagabo babiri bavuga ko ari abapasitori bafashwe inyuma yaho, umwe mu bapasitori b’ishengero UWEZO ari kumwe n’abavyeyi b’umukobwa avuga ko yafashwe ku nguvu, bituriye inyamiramabi.

Moise NKURUNZIZA avuga ko uwo mupasitori n’abavyeyi b’umukobwa bitwaye mu nyamiramabi, kuko umwana yababwiye ko yafashwe ku nguvu babanje kumuha ibiyayuramutwe.

Moise NKURUNZIZA icegera c’umuvugizi w’igiporisi asaba abantu bose kwitondera abiyita ko ari abakozi b’Imana, kuko muribo harimwo abagizi ba nabi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.