IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > umutekano > Ubushikiranganji bw’umutekano buvuga ko ata shirahamwe ryigenga mu gisata (...)

Ubushikiranganji bw’umutekano buvuga ko ata shirahamwe ryigenga mu gisata c’umutekano ryemerewe gukora ata ruhusha rifise

Monday 12 November 2018, by vianney

Mw’itangazo umushikiranganji w’umutekano ,gukinga no gutabara mu gihe c’ibiza n’isibe yasohoye kw’igenekerezo rya 9 Munyonyo umwaka wa 2018 ,Alain Guillaume BUNYONI avuga ko ububasha bwo gushinga amashirahamwe yigenga mu gisata c’umutekano bitegekanijwe mu ngingo ya 3 y’itegeko inomero 100/186 ryo kuwa 20 Mukakaro umwaka wa 2013.

Uyo mushikiranganji avuga kandi ko iyo ngingo ivuga yuko ata shirahamwe na rimwe rishobora gukora uwo mwuga ritabiherewe uburenganzira n’umushikiranganji ajejwe umutekano mu gihugu.


IGIHE

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.