IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abantu 49 baritavye Imana bahitanywe n’ibiza kuva ku ntango y’irima rya (...)

Abantu 49 baritavye Imana bahitanywe n’ibiza kuva ku ntango y’irima rya 2018

mercredi 28 février 2018

Mw’ijambo CP NAKAVURA Serges, umwunganirizi w’umushikiranganji w’umutekano yashikirije mu gihe hasigaye umunsi umwe ngo hahimbazwe umunsi mpuzamakungu wahariwe gukinga impanuka no gufasha abo zashikiye, yavuze ko impanuka zashitse zavuye k’umyuzurira, imiyaga y’ibihuhusi, ibomagurika ry’imisozi n’indwara z’ivyaduka.

CP NAKAVURA Serges yavuze kandi ko Reta y’Uburundi yagize utwigoro tuboneka mu gushigikira no guteza imbere uburimyi, mu bijanye n’amagara y’abantu , mu kwakira impunzi, gufasha gusubiza mu zabo abarundi bahungutse.

Umwunganirizi w’umushikiranganji w’umutekano, yamenyesheje ko bashimira bivuye ku mutima abagira neza bose baguma bafata mu mugongo urwo rwego rujejwe gukinga impanuka, no gutaba abo vyashikiye kugira barangure neza ibikorwa bajejwe.

CP NAKAVURA Serges yavuze ko Reta y’Uburundi ataco itazokora kugira intumbero y’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe gukinga impanuka z’ibiza iranguke mu Burundi.

JPEG - 33.2 ko
Imodoka z’igiporisi zifasha gukinga impanuka z’umuriro

Umunsi mpuzamakungu wahariwe gukinga impanuka no gufasha abo zashikiye, uhimbazwa uko umwaka utashe, kw’igenekerezo rya 1 Ntwarante. Uno mwaka uzohimbazwa ku civugo :’’Urwego rushinzwe gukinga no gutabara abashikiwe n’ibiza ruri hamwe n’izindi nzego z’igihugu mu gutunganya neza ibikorwa vyo kurwanya ibiza.’’


Callixte Carpe NDIKUMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.