IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abantu babiri bo mu Rwanda bishwe n’abagizi ba nabi bivugwa ko bahungiye mu (...)

Abantu babiri bo mu Rwanda bishwe n’abagizi ba nabi bivugwa ko bahungiye mu Burundi

dimanche 12 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Abanyagihugu babiri bo mu gihugu c’Urwanda bishwe, uwundi umwe arakomereka mu karere ka Rusizi, nk’uko igisirikare c’Urwanda kibimenyesha. Ico gisirikare ciyamirije ubwo bwicanyi, kivuga ko iperereza ryatanguye kugira abagirizwa ubwo bugizi bwa nabi bamenyekane.

Ubwo bwicanyi bwabaye mu gatondo ko kuri uwu wa gatandatu, nk’igihe c’isaha indwi z’ijoro, aho abantu bari bitwaje inkoho barashe abantu babiri, bakomeretsamwo uwundi umwe.

Itangazo ryasohowe n’igisirikare c’Urwanda rivuga ko umwe muri abo bishwe ari umwana w’imyaka 12.

JPEG - 136.4 ko
Lt Col Rene Ngendahimana, umuvugizi w’igisirikare c’Urwanda

Iryo tangazo ry’igihugu c’Urwanda ribandanya rivuga ko abakoze ubwo bugizi bwa nabi baciye bahungira mu Burundi, kuko ubo bwicanyi bwabereye hafi y’urubibe Uburundi buhana n’Urwanda.

Igisirikare c’Urwanda kimenyesha ko amatohoza yatanguye kugira abakoze ubwo bugizi bwa nabi bumenyekane.

Igiporisi co mu karere ka Rusizi cazindukiye aho habereye ubwo bwicanyi, gikorana inama n’abanyagihugu b’aho kugira babahumurize.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.