IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ngozi : Abantu bane biyita abakozi b’igendereza bafashwe

Ngozi : Abantu bane biyita abakozi b’igendereza bafashwe

vendredi 5 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE amenyesha ko hari abantu bane bahagaritswe, abo bantu bakaba bahora biyita abakozi b’igendereza, bagafata abantu kugira bace babasaba amafaranga imbere y’ukubarekura.

Abo bari mu minwe y’igiporisi bafatiwe mu ntara ya Ngozi, bakagirizwa kandi ko bafata abana b’abakobwa ku nguvu. Abafashwe ni Aloys Assam Batungwanayo, Egide Asman, Bangurambona Thomas Ruzocimana na Claver Salim Nkeshimana.

Mu giporisi bavuga ko mugufata abantu, abo bavyagirizwa bakoresha imiduga ifise ibiyo bitabonekesha uwuri mu muduga, umwe muribo, Claver Salim NKESHIMANA asanzwe akora mw’ishirahamwe mpuzamakungu PAM akagirizwa ko ariwe yagonze abishaka umuduga wariko wunguruza umuhuza w’Abarundi Edouard NDUWIMANA.

JPEG - 78.9 ko
Imodoka yunguruza Edourd NDUWIMANA, umuhuza w’Abarundi yagonzwe kw’igenekerezo rya 28 Ndamukiza 2017

Pierre Nkurikiye avuga ko ivyo vyabaye atari isanganya, ahubwo ko wari umugambi w’ukugandagura umuhuza w’Abarundi.

Babiri muri abo bafashwe, Aloys Sam Batungwanayo hamwe na Thomas Ruzocimana, baheruka kurekurwa bava mw’ibohero ku kigongwe c’umukuru w’igihugu.


IGIHE

Messages

  • Izo ndazizi n’imbonerakure bazifashe kuko zasahuye zanka gushikana ivyo bazitumye!!! Uwo Nduwimana nimba arumuhuza w’imbonerakure, interahamwe na FDLR!!!

  • igihe lmana iba igishize ikiganza cayo kumuntu ataruko asenga cane.canke arumugororotsi kurusha abandi kubwubuntu bwayo gusa.nahohovyuka kuriwewe intureka zumuriro umeze gute wawucamwo ugahita.izonyanka burundi nimpumyi peee.mbega ntabwo bashobora kwicarahasi bagaharura ibitero bagize 2015 ingunvu baribafise ibihugu vyarinyuma yabo.abobaribahenze barinyuma yabo.akajagari karimugihugu ukokangana.mbega unomunsi bimeze gute birajimbere ivyacu canke.babonye atakigenda bakicara bagatwagwa nkabandi Bose.ahandiho Jewe ndabona ivyabo twobiha impera zuyu mwaka gusa.ahobarundaniye binyegeje bagiye kuzoza baraziburana One buy One.abobatazwe nabenewabo.niharambe Pierre nkurikiye nigiporisi avugira

  • YAMARADIYO YIVYADUKA NGO NIZAHUMURA YIRIGWA ARAVUGA NGWABANTU BANYURUZWA NIPEREREZA UBUNAHO BAVUGA NGWIKI ?

  • mu burundi harakwiye kwubakwa agasho katarenza santimetero50 kugira gacishe bugufi intunva 50cm.intunva nkizo zigacishwayo nkimyaka20.kuko bamwe bakorera yamashirahamwe ya ONU.yama yagize ivyegeranyo buriyinga.

  • Hewe wiyise Wakera@,

    Uri ikijuju utangura guca urubanza atatohoza riraba. udafise ico uvuga wopfuma wihorera hakubesha. Ni vyiza gose police bandanya mukora neza hanyuma izo nkozi z’ ikibi zihanwe ivyakarorero, nuku zozihasha.
    Muraraba neza ko ata Banyarwanda bavuye Ikigari barimwo murizo Nyankaburundi.
    Imana iriko iratwereka vyinshi kuri izo ntuva.
    Kandi hari umugani uvuga ngo: uwusenya urwiwe bamutiza umuhoro.

  • @SHERIF, Icahoze ari igipolisi c’uburundi PNB ( Police nuisible pour les Burundais) umaze kubona kigira amatohoza yahehe!! Coheza kugandagura abantu kikongera kwigirako amatohoza!!! Umwanya wayo uzogera hama intahe ibokere!!!! You are crazy!!!

  • Wakera ni igihunyira. Nicyo gicucu number 1 muburundi.

  • IYO UMUKUR WIGIHUG ATANZ IKIGONGW MUREKURA NABASESA AMARASO YA BENEWACO ?NKO KUGONG UMUDUG KUBUSHAKE KAND HARIMW UMUHUZA ; IVYO BISGURIKI ! NAPFUNGW AHEREYO

  • Nukuri Igipoli Cuburundi Kironona Igihugu Cacu Police Zikorera Kumasanganzira Ziragowe Mukurya Igiturire Nizambere

  • Ariko igipolisi gikwiye gukora itohoza nyaryo rigashaka iki kijuju ciyita Wakera. Ari mu bantu bapfakaje abavyeyi benshi, n’abana benshi basigaye ar’impfumvyi kubera we n’akarwi bakorana. Ayo majambo avuga ntazogenda atayishuye.

  • Abobantu Bagomba Kuduhekura Niband Barisem Ntibaz Cobakor.

  • Felix Muhire, Muzidhura urahumba amabi mukorera abarundi! Abakobwa n’abakenyezi muterinda ngo bavyare interahamwe ntibizokwijana!! Noneho vyabuze na Sobuja ageze mubayaya!!! Mbega ivumwe!!!!

  • Wakera <AMAZIRANTOKE> IMBWA

  • Ariko ico gihugu cindi mugomba mukore m’u Burundi,bisigura ici???? Ubwo mwiyunvirayuko arimwebwe gusa muciye akenge kuburyo ivyo amabi mukorera bene wanyu ataboneka.

    Hirya y’ejo, mwabujije PAM kugemurira abantu barimo gupfa n’inzara, mwitwje ko baguze ibiribwa mu gwanda. None mutangiye no kubesha ngo imodoka ya PAM yagonze umuhuza k’ubushake.

    Muraje muhenda abatabazi mwa bijuju mwe. Kandi mwibuke ko, atagihugu mwafashe, kuko ntimwagwanye ngo hama mutsinde, nitwe twakibahaye kandi tuzakibaka.

    Musigeho kwirata umwino. N’uburi munda buravayo. Les imbéciles et incapables

  • Izo nkozi z,ikibi ce muzivugutira umuti batumwa na ba Pacific, ba Minani ariko nka MINANI nta soni yumva yicaranye na Pacific yamurondera muri 1993 ngo amuturire none cndd yamukuye mubuhungiro arataye!!!? Ba bwenge buke mwibagira ningoga 1972/ 1988/1964/ 1993 ibi vyose ni ibihe Pacific Nininahazwe bishe abantu bongera babaturira!!!! Mwame maso ntibazongere kuduhekura

  • Ehhh ni danger. Nkurunziza !!

  • @inzoka Wakera. Uzopfana
    Ibyo byiyumviro byawe byo muri antiquité.

  • YOO !ABOBANTU NABABISHA BABUZEGUCA ABARIBO BAPFA NGO BASHAKA KUTWICIRA UMUHUZA ?

  • aah!!abantu twitwa ba aloys ivy ntitubikora nimumureke .ni danger ndagaswe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.