Ruyigi : Abantu batatu bafashwe bariko babomora inzu ya Maragarita BARANKITSE

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 10 Ndamukiza 2018 saa 02:50
25905
0 0

Igiporisi c’Uburundi kivuga ko cahagaritse kuri uwu wa mbere, ku murwa mukuru w’intara ya Ruyigi, abantu batatu bariko babomora inyubakwa z’ikigo "Maison Shalom" kirongowe na Maragarita BARANKITSE.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko abo bafashwe bamaze gutangura gukorerwa amadosiye kugira bashikirize ubutungane bw’Uburundi. N’amwe mu mabati asakaye ico kigo yari yibwe nayo nyene yafashwe n’igiporisi c’Uburundi.

Maragarita BARANKITSE, umukuru w’ikigo "Maison Shalom" ari mu batashigikiye ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, ubu akaba ari mu buhungiro kuva mu mwaka w’2015. Uwo yari yuguruye ikigo n’ibitaro bifasha impfuvyi ari kandi ku rutonde rw’abarundi baronderwa n’ubutungane, bagirizwa ko bagize uruhara mu gushaka gutembagaza ubutegetsi bw’Uburundi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.


Kumenyekanisha

1
SILAS 10-04-2018 à 16:37

NAHOYOBA,YAGIRIZWA,URUPFU, GWA,YESU,UTWIWE,DUKWIYE, GUKINGIRWA,POLICE,HANA,ABO BANTUBAGOMBA,GUTEZA,URUBWA, IGIHUGU, BOHAVA,BABISHIRA,KURI LETA, NAMWABURYA,ARI, MUBAYIGWANYA.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha