IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abantu bitwaje inkoho bateye mu ntara ya Gitega

Abantu bitwaje inkoho bateye mu ntara ya Gitega

lundi 24 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Umurwi w’abantu cumi bitwaje ibirwanisho bigizwe n’inkoho hamwe n’ama gerenade bateye mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana muri komine Gitega, intara ya Gitega nyene.

Abajejwe intwaro muri iyo ntara bavuga ko abo basuma bivye mu mazu y’ubunywero n’ubudandaji. Amahera ataramenyekana hamwe n’amaterefone ngendanwa akaba ariyo yibwe.

Abo bajejwe intwaro bamenyesha kandi ko abantu bagera kuri batatu bakubiswe, amasasu menshi akaba yumvikanye kuri uwo musozi.

Mu giporisi bashikiriza ko amatohoza yamaze gutangura, umuntu umwe akaba ariwe amaze gufatwa.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.