Abantu indwi nibo bahohotewe mu ndwi imwe

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 26 Kigarama 2017 saa 09:08
Yasomwe : 3384
0 0

Icegeranyo ca SOS Torture kivuga abantu bagera ku ndwi aribo bamaze kuemnyekana ko bahohotewe mu mihingo itandukanye y’igihugu c’Uburundi, mu kiringo c’indwi imwe. Ico cegeranyo cagiriza bamwe mu rwaruka rw’imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD, ko aribo rwahohoteye abo bantu.

Mu bagirizwa ukwo guhohotera abandi, ishirahamwe SOS Torture rivuga kandi bamwe mu bajejwe umutekano (abaporisi).

Nk’uko bivugwa n’iryo shirahamwe, mu bahohotewe harimwo abo mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi mu Burundi.

Muri ico cegeranyo cakozwe kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika kurya 23 Kigarama 2017, ishirahamwe SOS Torture rivuga ko ukwo guhohotera abatavuga rumwe n’ubutegetsi bibandanya kwibonekeza kuva hatangujwe umugambi w’uguhindura ibwirizwa shingiro ry’Uburundi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha