IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abaporisi bagiye gukurwa muri bimwe mu bibanza bari barungitswemwo

Abaporisi bagiye gukurwa muri bimwe mu bibanza bari barungitswemwo

mercredi 18 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, ariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji bw’umutekano mu gice ca gatatu c’umwaka w’2017, umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume BUNYONI yamenyesheje ko mu ntumbero y’ugushobora gutunganya umutekano w’abantu n’ibintu neza, hari umugambi w’ubushikiranganji bw’umutekano w’ukwegeranya gushasha abaporisi.

"Hari inyamiramabi zitari nke tubona zagiye zirungikwa gucungera umutekano abantu canke gucungera ibintu, canke gucungera ahantu bibanye n’imvo z’umutekano zari zihari, mugabo izo mvo uno munsi zikaba zitakiri nk’uko zari kera."

Umushikiranganji BUNYONI asaba abanyagihugu ko batosimbwa n’umutima nibabona hariko haraba iryo yegeranwa ry’abaporisi bakurwa aho bahora bakorera.

"Ni muri ya ntumbero y’igiporisi cegereye abenegihugu, uwariwe wese ashobore gucungerwa umutekano muri rusangi kugira bigende neza gusumba."

Mu bushikiranganji bw’umutekano w’Uburundi ntibavuga ariko ibibanza abo baporisi bazokurwamwo, hamwe n’iyo ubwo bushikiranganji butegekanya kubajana, aho bakenewe kurusha ahandi.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.