IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abaporisi basatse ku rugo rwa Major Bernard BUSOKOZA

Abaporisi basatse ku rugo rwa Major Bernard BUSOKOZA

vendredi 16 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Abaporisi basatse mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu mu ngo zo muri karitiye ya Mutanga-nord, zone Gihosha, mu gisagara ca Bujumbura. Mu ngo zasatswe harimwo urw’umushingamateka Bernard BUSOKOZA yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi.

Ico gikorwa c’igiporisi c’ugusaka giheze kuri urwo rugo, amakuru atangwa n’abakurikiranye ico gikorwa avuga ko ata kintu na kimwe cahafatiwe.

Major Bernard BUSOKOZA asanzwe ari mu buhungiro n’umuryango wiwe, kuva mu mwaka w’2015 hatanguye intureka za poritike mu Burundi.

Uwo yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu asanzwe ari mu banyeporitike baronderwa n’ubutungane bw’Uburundi, ndetse bamaze kurungikirwa imitahe mpuzamakungu ibarondeza, akaba yagirizwa ko ari mu bagize uruhara mw’igerageza ry’uguhirika ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ryabaye kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.