IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abarundi 87 birukanwe mu Rwanda

Abarundi 87 birukanwe mu Rwanda

samedi 1er Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Abarundi bagera kuri 87 birukanwe mu gihugu c’Urwanda, bakaba bashitse mu Burundi ku mugoroba wo kuri uwu wa gatanu, binjiranye i Gisenyi, nk’uko abajejwe intwaro mu Kirundo babimenyesha.

Abo barundi bagizwe ahanini n’abagore hamwe n’abana bari basanzwe baba mu gihugu c’Urwanda badakwije ibisabwa n’amategeko, benshi muribo bakaba ari imvukira zo mu ntara ya Kirundo muri komine za Busoni na Bugabira, nk’uko umuvugizi ’igiporisi, OP1 Pierre NKURIKIYE abimenyesha.

Bamwe mu bagabo bari muri abo birukanwe ntibakiriye neza iyo ngingo y’ukubona birukanwe mu gihugu bari bamazemwo imyaka itari mike, mbere ntibahabwe n’akanya ko gutahukana ivyo barondereyeyo. Muri ivyo bavuga ko basizeyo, ni nk’imirima, hamwe n’abagore babo, kuko hari ababa bari bubakanye n’abanyarwandakazi.

Umubano si mwiza hagati y’Uburundi n’Urwanda, ibihugu vyompi birabana ay’ingwe kuva mu mwaka w’2015. Uburundi bwagiriza Urwanda ko rushigikiye abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, hamwe n’uguha imyimenyerezo abarwanya ubwo butegetsi, ivyiyamirizwa n’inzego z’Urwanda.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.