Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abasirikare babiri b’Uburundi bishwe n’abarwanyi ba General Aloys (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abasirikare babiri b’Uburundi bishwe n’abarwanyi ba General Aloys (...)

Abasirikare babiri b’Uburundi bishwe n’abarwanyi ba General Aloys NZABAMPEMA

vendredi 29 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Muri iryo shirahamwe ACPPDH bamenyesha ko ivyo bitero bikorwa ku birindiro vy’abasirikare b’Uburundi mu Gatumba, hafi y’urubibe Uburundi buhana na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Mu gisirikare c’Uburundi bavuga ko ata bitero bikorwa, ko abahungabanya umutekano ari abasuma bo kwa Général Aloys NZABAMPEMA.

Colonel Gaspard BARATUZA avugira igisirikare c’Uburundi yemeza ko ata bitero vyabaye mu Gatumba, ko ari umurwi wa Aloys NZABAMPEMA wagize ikirindiro muri Congo, akaba ariwo uhora urungika abasuma bitwaje inkoho.

Colonel BARATUZA avuga ko abasirikare b’Uburundi babatesheje ku ruhande rwa Rukoko, ubu bakaba binjira mu Burundi baciye mu Gatumba, ari naho yemeza ko baheruka kwica barashe abasirikare babiri b’Uburundi.

« Nta birindiro vya gisirikare boshobora. Ni abasuma baza kwiba. Iyo bateshejwe barashobora kwiha inkumbi bakica umwe. Mugabo si ukuvuga ko baba bakomeye."

JPEG - 21.1 ko
Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi

Uwo avugira igisirikare c’Uburundi arabeshuza kandi ibivugwa mu bimenyeshamakuru bimwe bimwe ko hari abasirikare b’Uburundi bariko bakorana n’abasirikare ba Reta ya Joseph KABILA mu kurwanya aba Mai Mai Yakutumba. Colonel Gaspard BARATUZA amenyesha ko abavyandika ari abatinya igisirikare c’Uburundi.

"Birumvikana ko abo bavyandika batinya igisirikare c’Uburundi. Nibaza y’uko bibaye ngombwa igisirikare ca Congo bakabidusaba bifise aho bica twobikora. Mugabo ubu abakongomani ntavyo badusavye. Ivyo navyo mu gihugu cacu ntavyo twakoze."

Colonel BARATUZA yibutsa ko hari amategeko abuza ko igihugu gihana urubibe n’ikindi gitanga ingabo muri kimwe muri ivyo bihugu vyompi.

"Twari kuba turi muri MONUSCO kugira dufashe. Ubu rero nta basirikare b’Abarundi bariyo."

Colonel Gaspard BARATUZA amenyesha ko mu ngwano ziriko zihuza abasirikare ba Congo hamwe n’abarwanyi ba Mai Mai, igisirikare c’Uburundi cafashe ingingo zose zishoboka z’ugucungera imbibe z’Uburundi, kugira ntihagire abarwanyi binjira guhungabanya Uburundi.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Ico n’ikinyoma,birazwi yuk Imbonerakure hamwe n’abasoda b’u Burundi aribo bari guhungabanya amahoro n’umutekano i Uvira bafatikanije na Mai MaiYakutumba

  • Uyo muvugizi w’igisirikare c’Uburundi ntabesha aratuza. Aho Imbonekurakure zaja i Kiriba-Ondes amakungu abizi barigeze bavyemera? Mbabajwe n’abo basirikare bishwe batazi ico bazira, mugabo bariko baronera icorirenza.

  • Ubu kombona muriko muranzuzanya muvyukuri ko ibibihugu Bibiri nikihe kiri mukuri du fate ivyu muvugizi wigisirikare cuburundi yavuze kuko birumvikana ko igisirikare gitegerezwa gucungera imbibe ,tureke gutanako insaku dufate ko congo iriko irivuna umwasi Uburundi buca bucungera imbimbibe zaco a boba Mai Mai urumva ko uburundi butokwemera ko urugo rwago rusha kandi rufise inginzo umwasi yinjiye buzi vuna kuko bwanka kumutekano wigihugu uru musesekara .

  • Abavyeyi bahekurwa n’abapfakara ni bo bateye ikigongwe na yo ikinyoma c’abo bavugizi co kiraborera!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.