Accueil > Amakuru > umutekano > Amasasu n’ibikoho binini vyumvikanira hafi y’ahari impunzi z’Abarundi i (...)
Amasasu n’ibikoho binini vyumvikanira hafi y’ahari impunzi z’Abarundi i Lusenda
mardi 26 Nyakanga 2017, par
Ayo masasu yumvikanira mu karere ka Mboko, muri Kivu y’ubumanuko, hafi y’ahari izo mpunzi zirenga ibihumbi mirongo itatu. Iyo kambi iri mu karere ka Fizi. Kuva kuri uwu w’Imana, ako karere ka Mboko kumvikanamwo ayo masasu kari mu minwe y’abarwanyi ba Mai-Mai. Abarundi b’impunzi begereye ahariko habera izo ngwano batekewe n’ubwoba ko bashobora kuzirwamwo, aho bakaba bibutsa bagenzi babo b’i Kamanyola bagera kuri 39 baheruka kugandagurwa.
Abo barundi bari hafi y’ahariko habera izo ngwano basaba ko botwarwa mu kindi kibanza kiri kure y’ahari umutekano muke. Basaba kandi abo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe na HCR ko bofata mu minwe ico kibazo c’umutekano w’izo mpunzi.

Tubibutse ko mu karere ka Fizi ahari umutekano muke ariho bivugwa ko Reta ya Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo ishobora kwimurira abarokotse mu bwicanyi bwabereye i Kamanyola.
Kuva habaye ubwo bwicanyi, izo mpunzi zabandanije gusaba ko umutekano wazo wokwubahirizwa. Gabriel KALONDA, icegera ca Buramatari wa Kivu y’amaja epfo yamenyesheje ko mu kiringo kigakwira ukwezi, izo mpunzi zizoba zimuriwe mu kindi kibanza, ahavugwa ko abo barundi bazojanwa akaba ari i Fizi, ivyo abo barundi b’i Kamanyola bavuga ko badashigikiye, kubera hari umutekano muke.

Egide NDUWIMANA
Messages
26 Nyakanga 2017, 17:54, par NSABIMANA
ARIKO SE ABARUNDI MBABAZE:KO MUVUGA KO UMUTEKANO ARI WOSE AHO IWANYU,KUKI ABARUNDI BAGENZI BANYU BADATAHA?KUKI BAKWICIRWA N’INZARA,INYOTA,NONEHO NIBYO BIKOHO BIRABAMAZE!
27 Nyakanga 2017, 07:57, par SUNWE
@NSABIMANA
ABO BAHUNWE NIBO BOKWISHURA. NAMBA URI MU RWANDA WOBANZA UKABAZA IMPUNZI ZIRIYO ZIKIKAKUBWIRA IKIZIGUMIJE MU BUHUNGIRO.