Accueil > Amakuru > umutekano > Amasasu yumvikanye mw’ishamba rya Rukoko
Amasasu yumvikanye mw’ishamba rya Rukoko
lundi 31 Mukakaro 2017, par
Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi amenyesha ko ayo masasu yumvikanye ari ayarashwe n’abasirikare ba Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo bariko barasana n’imirwi ihungabanya umutekano ku butaka bw’ico gihugu, hafi y’Uburundi.
- Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi
Umuntu umwe yishwe
Mu makuru y’umutekano, umugabo w’myaka 40 azwi kw’izina rya Zebulon NDUWIMANA yahora aba muri zone Muhanga, umusozi Rushubi yishwe n’abantu bitwaje ibirwanisho bataramenyekana.
Abishe uwo mugabo ntibaramenyekana, mu giporisi bakamenyesha ko amatohoza yamaze gutangura.
Gerenade zibiri zatowe
Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha kandi ko mu ntara ya Kirundo, muri komine Bugabira, hari gerenade zibiri zatowe kuri uwu w’Imana mu kazi ka surwumwe kahebwe k’uwitwa Irutingabo Etienne yahungiye mu Rwanda kuva mu mwaka w’2015. Izo gerenade zabonwe ubwa mbere n’umuntu yariko arondera umwavu ahahora ako kazu ka surwumwe.

Egide NDUWIMANA