Incamake

Antoine KABURAHE agiye kwitura ubutungane ku caha c’uwashatse kugandagura umupfasoni wiwe

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 8 Rusama 2018 saa 11:36
45840
0 0

Antoine KABURAHE, umuyobozi w’ikinyamakuru IWACU asanzwe ari mu buhungiro mu gihugu c’Ububirigi avuga ko agiye kwitura ubutungane kugira inzego zibijejwe zimufashe gukurikirana uwagirizwa ko yashatse kugandagura umupfasoni wiwe, ariko Imana irakinga.

Antoine KABURAHE amenyesha ko mu gihe yari mu rugendo mu gihugu ca Suede, kuri uwu w’Imana, umupfasoni wiwe yategerewe mw’ibarabara nk’igihe c’isaha cumi na zibiri mu gihugu c’Ububirigi, acumitwa imbugita hafi y’umutima hamwe n’umushishito, ariko Imana ikaba yarakinze, kuko ivyo bihimba vy’umubiri bitashikiriwe, nk’uko vyemezwa na Antoine KABURAHE avuga ko uwacumise uwo mupfasoni wiwe yafashwe n’igiporisi c’Ububirigi, bikaba bivugwa ko yoba afise ubwenegihugu bw’Urwanda.

JPEG - 112.1 ko
Antoine KABURAHE n’umupfasoni wiwe

Uwo arongoye ikinyamakuru IWACU ashikiriza ko agiye kwitura ubutungane, kugira ashobore kumenya vyinshi, ku washatse kwicwa umupfasoni wiwe.


Kumenyekanisha

1
lg 12-05-2018 à 14:32

imana ikomeze irinde aba bavandimwe aba bicanyi bo bazarimbuka amaraso yumuntu u yakoze ho apfa nabi naho abishimira, ibyamushyikiye ngo yarahunze bari guceceka kuko ibyago ntawe bitagera, ho aliko imana yo ihoraho, mukomeze kwihangana iyabaremye irahari

2
BOSCO 10-05-2018 à 20:25

None komuvuga komwahunze ntambara mubundi none no muburigi baricana yemwe mwisi ntamahoro ariho ahatagira ubwicanyi nimwijuru gusa

3
Ndayizeye Jea Mrié 10-05-2018 à 14:19

None Kowahunje Igihu Niyowahungiye Abicanyi Bariyo ? Garuka Mugihugu None Cakwibaruce Wahunze Amahoro None Wagiye Aho Utaronka Amahoro Garuka Turakwakira

4
Ririmunda landry 9-05-2018 à 07:32

None ko wahunze i Burundi no mu Bubirigi naho harabayo abicanyi?

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha