Arabie Saoudite : Umuhagarikizi yahagatise urukino kugira abakinyi baje gusenga

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 26 janvier 2018 saa 04:07
14835
1 0

Mark Clattenhurg asanzwe ari umuhagarikizi akomeye w’umupira w’amaguru ku mugane wa Buraya,yahagaritse urukino rwo mw’ihiganwa ry’igikombe c’umwami mu gihugu ca Arabie Saoudite (Saudi King’s Cup) kugira abakinyi baje mu gisabisho co k’umugoroba.

Mark Clattenhurg yahagaritse urukino rwahuza umurwi wa Al Feiha hamwe n’umurwi wa Al Fateh ku munsi wa gatatu w’iyi ndwi rwabera ku kibuga ca King Salman bin Abdulaziz Sport City kiri hafi y’umusigiti.

Uwo muhagarikizi yafashe ingingo yo guhagarika urukino inyuma yo kwumva ko kur’uwo musigiti uri hafi y’ikibuga bahamagaye abaisiramu kuja gusenga, nawe aca aha uruhusha abakinyi iminota 5 yo kuja kwifatanya n’abandi mu gisabisho.

Bivugwa ko abakinyi bamwe basohotse mu kibuga baja gusenga, abandi nabo basigara mu kibuga baruhutse.

Uwo muhagarikizi, yarashimiye bimwe bikomeye ibimenyeshamakuru vyo mu gihugu ca Arabie saoudite kubona vyarerekanye ko ivyo yakoze bigaragaza icubahiro hamwe n’agaciro aha umwanya wo gusenga no kwubaha Imana.

Mark Clattenburg afise imyaka 42 akaba yamenyekanye cane nk’umuhagarikizi mw’ihiganwa ryo mu gihugu c’Ubwongereza,mu mwaka uheze wa 2017 yaciye aja muri Arabie saoudite aho abandaniriza umwuga wiwe wo guhagarikira inkino ubu akaba ariwe atwara ishirahamwe ry’abahagarikizi muri ico gihugu.


Kumenyekanisha

1
marcel 28-01-2018 à 08:00

KUBAHA IMANANIBWOBWENGE UWOMUGABONDAMWEMEYE ALLHA AMUH,UMUGISHA.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha