IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Mbega ubuhanza bwoba ari ingwara ? "Ego na OYA"

Mbega ubuhanza bwoba ari ingwara ? "Ego na OYA"

mercredi 11 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Muganga Elie MUPERA avuga ati : "Kenshi urasanga biva kungene umubiri w’abantu utunganije. Ubuhanza urabusanga mu masoso, inyuma, hagati, canke ugasanga bwatwaye umutwe wose. Birasazwe kuko birava ku ruhererekane rwo mu miryango kandi ntaco vyonona mu gihe ukuze."

Gutakara kw’umushatsi birashobora kuba ikimenyetso c’ingwara nyinshi zitandukanye kandi bikongera bikavana n’igitsina.

Kuvunguka kw’umushatsi birashobora kuba ari ikimenyetso c’ingwara zifatira mu bihimba vy’irondoka nka "Syphilis secondaire, lipus" aho umubiri usanga ukora abasoda babi, aho kugwanira umubiri ahubwo bagatera ibihimba vy’umubiri wabakoze.

Nk’uko bibandanya bisigurwa na Muganga Elie Mupera, hariho rero n’izindi ngwara nyinshi zituma umushatsi uvunguka, nk’igwara z’ibihushi bifata abantu bakuze hamwe n’abana, aho usanga vyonona umutwe. Mbere hari n’igihe usanga n’umushatsi utakigaruka.

Mu bindi bituma umushatsi uvunguka, hari n’ukubura ivyinyunyu nka "Fer". Muganga Muoera arabandanya ati : "Ikizokumenyesha vy’ukuri ko ubuhanza canke kuvunguka umushatsi ari ikibazo, ntikiza ari ikimenyetso kimwe gusa usanga bibangikanije n’ibindi bimenyetso bitari ku mutwe gusa. Kenshi umuganga araheza agatuma umurwayi kugirisha ibipimo gutyo ukamenya ico vyavuyeko, akamutunganiriza."

Hariho ibindi vy’akamwajoro aho usanga mu gitondo umushatsi wagiye. Umuntu agatera atakaza umushatsi ukagenda wose. Ivyo navyo bikaba biva ku myitwarariko "Stress" irenze urugero.

Muri make, umuntu abonye umushatsi uriko uratakara, asabwa kuraba ko ata bindi bimenyetso bindi biri kumwe, gutyo akabona kuja gusuzumisha.

Amavuta agorora umushatsi (produits) aratuma umuntu avunguka umushatsi?

Ku bapfasoni, kuvunguka kw’umushatsi hari igihe biva kuri "Salon de coiffure" kuvyo bita "Defrisage" aho usanga umushatsi bawuhingura ukuntu bawuhindukiza ugasanga barakwega gose ku buryo umuntu ababara. Biratuma rero umushatsi ushobora kuvunguka. Hari n’abawuturira n’ubushuhe burengeye navyo nyene si vyiza, nk’uko bivugwa n’abahinga, kuko bidaheza ngo bimerere neza umutwe mbere hari n’abandi bakenyezi bashobora guhurirwa kubera birya bikoresho nyene bakoresha.

Ama "produits" canke arya mavuta bakoresha kugira akuze kandi agorore umushatsi arashobora gutuma umukenyezi abura umushatsi, kandi ugasanga watakaye gose, mugabo ivyo biravana n’umubiri w’umuntu n’uwundi.

Guhurirwa canke "allergie" ku bikoresho canke amavuta amwe agorora umushatsi bivana naho nyene n’umubiri w’uwu n’uriya. Hari aho usanga umwe aziranirwa uwundi ugasanga ivyo bamusize umubiri wiwe uvyakiriye neza.

"Bamwe rero iyo baje kwivuza hari gihe usanga yahiye cane ku mutwe kubera ya mavuta nyene twita ama [produits] mugifaransa, mugabo hari aho imiti bita ama crèmes réparatrices n’iyindi ituma umushatsi usubira gukura", uko niko Muganga asigura.

Abana n’abagore baragira ubuhanza

Nta bana bakiri bato babugira eka namba! Ahanini hariho ibintu umuntu akunze kubona nk’akamwajoro ugatakara kw’umushatsi ku rugero rurengeye, biranakunda kuboneka ku bana bakiri bato, mugabo si ubuhanza.

Umwana atakaje umushatsi si ibintu bisazwe kubera y’uko kurya gutakaza umushatsi bisazwe biba ku bantu bakuze n’imiburiburi batakiri abayabaga. Ubuhanza busanzwe buva mu ruhererekane rw’ imiryango usanga buza umuntu atanguye gukura. Ni vyiza rero ko umuvyeyi agaba akajana umwana kwa muganga kuko si ibisazwe bishitse.

Abakenyezi ku bisazwe nabone nta buhanza bagira, abakenyezi mu buryo baremwe barafise muribo inkabuzo "les oestrogènes" zibatuma bagira umushatsi mbere na mwinshi cane, mugabo uko bakura niko zigenda ziragabanuka. Ivyo rero bigatuma abakenyezi bamwe na bamwe bagenda baratakaza umushatsi mbere ntube ukinakura kenshi ivyo rero bigashika abo bakenyezi bashitse mu gihe co guca.

Iyo tuvuze rero ko umushatsi ushobora kuvunguka, ubuhanza, si ku mutwe gusa kuko no ku bindi bice vy’ umubiri harabako umushatsi, haba mu kwaha canke ahandi.

Birashobora gushika rero kuvunguka kw’umushatsi bigatandukira ibice vyose vy’umubiri biriko umushatsi. Ivyo rero bikaba bitera ingorane mu bice bibiri. Umuntu iyo akuze araryoherwa n’ingene asa, mugabo iyo bibaye uko umuntu ariyanka nk’akarorero iyo umuntu ata ngohe afise zikagenda ziravunguka ishusho yiwe ntiba ikimushimisha. Ingaruka mbi n’uko umuntu yiyanka kandi ntiyiyizigire.

Imvo iba yabiteye, ni ingwara kandi ikibi n’uko itagarukira ku mushatsi gusa, iheza igatandukira n’ibindi bice vy’umubiri, nk’akarorero nk’ibisekera birashobora gutandukira inzara zikazuka.

Muganga Elie MUPERA yanonosoye kuvura ingwara zo ku rukoba arangiza agira ati : "Izo ngwara nii ingwara zivugwa mugabo zifata umwanya muremurere. Ego umuntu agiye kwa muganga baramufasha ahanini usanga bijana n’ingwara nyinshi kandi ngendanwa. Muganga arabanza akaraba ico bivuyeko. Ahanini hagoye gutora ico bivako kuko kibonetse bica vyoroha kuvura."

Muganga Mupera aragabisha abantu bama babwira abandi ko barwaye cancer babonye umuntu afise ingorane yo kuvunguka umushatsi, agira ati : "Sivyo na gato kuko nta bipimo baba barakoze usanga abo babivuga atari n’abaganga. Ikibi n’uko baba bariko baratera ubwoba umurwayi."

Muri rusangi Muganga Mupera avuga ko ibintu vyo kuvunguka umushatsi ari ibintu biva ku mvo nyinshi zitandukanye, akamenyesha ko ari ingobwa kwitura ubuvuzi barabe inkomoko, agakebura abitura umubanyi canke umupfuma, kuko ataco bimaze na gato.


Ornella DUSHIME

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.