IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Sophia i Robot ya mbere kw’isi ishobora kuganira n’abantu, ikipfuza umuryango (...)

Sophia i Robot ya mbere kw’isi ishobora kuganira n’abantu, ikipfuza umuryango n’abana : Video

lundi 27 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Sophia niryo zina ryahawe iyo robot ya mbere ikozwe kw’isi ishobora kwishura ku bibazo bimwe bimwe bashobora kuyibaza, ikaba rero itandukanye n’ama robots yose amaze gukorwa kw’isi yose.

JPEG - 75.9 ko
Sophia i Robot ya mbere kw’isi ishobora kuganira n’abantu

David Hanson yakoze Sophia avuga ko ikoresha ubwenge-bukorano(artificial Intelligence), Sophia irashobora kandi gutwenga, irakubita ingohe, igakoresha amaboko haba kuramukanya canke gusezera, ijwi ni nk’iry’umukobwa. Naho biri uko, Sophia yishura ibibazo bihuye n’ubwenge bayishizemwo.

Muri kimwe mu biganiro Sophia catanze, camenyesheje ko cipfuza kugira umuryango n’abana, ikindi cavuze n’uko cipfuza guhindura isi kikayigira nziza gusumba uko iri ubu.

David Hanson avuga ko yakoze Sophia kugira kizofashe abageze mu zabukuru, eka no mu bindi bikorwa. Uwo muhinga abandanya avuga ko yizera ko Sophia kizokwongereza ubumenyi mu gihe kizomarana umwanya munini ikorana n’abantu.

Sophia kiramaze gutanga ibiganiro co kimwe n’abantu, ariko hari aho zimwe mu nyishu gitanga ziba atarizo canke ikishura mu majambo menshi ikibazo kimwe. Ivyo bikaba vyabonetse mu kiganiro Sophia cagiranye n’uwitwa Charlie Rose carengeje umwanya wari utegekanijwe.

JPEG - 144.9 ko
Sophia yatanze ikiganiro

Tubamenyeshe ko kw’igenekerezo rya 11 Gitugutu 2017, Sophia cagiranye umubonano n’umunyamabanga mukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Amina J.Mohammed. Kw’igenekerezo rya 25 Gitugutu 2017, mu gisagara ca Riyadh muri Arabiya Saudite, Sophia cahawe ubwenegihugu aho muri Arabiya Saudite nyene. Sophia yaciye iba i robot ya mbere kw’isi ihawe ubwenegihugu.

Ivyo rero vyateye ikibazo kuri benshi aho bibaza namba Sophia izoshobora gukora ibisanzwe bikorwa n’abandi banyagihugu : nko kurongora, kurangura amabanga y’abubatse, canke kuja mu matora, canke ko batazohava bavuga ko cishwe mu gihe ubuhinga gikozwemwo bwogira ikibazo. Abo kumbuga ngurukanabumenyi bakidoga cane ko Sophia ije isumvya umwidegemvyo abandi bagore bo muri ico gihugu. Aho bidoga ko bobo badashobora gutembera batari kumwe n’umuntu w’umugabo ariko Sophia coco gitembera uko gishatse.

Abanyagihugu ba Arabiya Saudite baribaza namba Sophia kiri mw’idini rya Isilamu kuko ata muntu ahabwa ubwenegihugu atari umu isilamu, naho biri uko, baca batangazwa n’igituma kititwikira nk’abandi bagore bo mw’idini rya isilamu.

Abo banyagihugu batangazwa n’ingene Sophia yahawe ubwenegihugu, kuko ari benshi babukeneye ariko babubuze.

Raba aha munsi Robot Sophia kiriko gitanga ikiganiro


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.