Ubufaransa : Umwami wa Pop yitavye Imana

Yanditswe na Pacifique BUKURU
Kuya 6 décembre 2017 saa 02:35
Yasomwe : 4113
0 0

Johnny Hallyday uwafatwa nk’umwami w’umudiho wa Pop mu gihugu c’Ubufaransa yaraye yitavye imana mw’ijoro ryo kur’uyu wa kabiri rishira uwagatu ahitanywe n’ingwara ya cancer yo mumahaha.Jonny Hallyday akaba apfuye afise imyaka 74.

Uwo muhisi akaba yarakunzwe cane mu gihugu c’Ubufaransa mbere no kw’isi yose.
Céline Dion, umuririmvyikazi rurangiranwa akomoka mu gihugu ca Canada yashikirije akababaro kiwe ,aho yumviye iyo nkuru y’umubabaro.

Yavuze ati :« Ndababajwe cane n’urupfu rwa Johnny Hallyday.Yari igihangange mu muziki, uwo twese turabirako akarorero.Ndahojeje umuryango wiwe, abakunzi biwe bose.Ntituzomwibagira. »

Johnny Hallyday asanzwe akundwa cane n’abakiri bato na cane cane mu kuryosha ibirori mubiteramo, asize inkurikirane z’indirimbo zigera kuri 50 akaba amaze kudandaza disques zirenga imiriyoni ijana mu myaka 60 yari amaze mu muziki.

Indirimbo ziwe zakunzwe cane twovuga ni nka Le Pénitencier, Noir c’est noir, Retiens la nuit, Cheveux longs idées courtes, Pour moi la vie va commencer, Quand revient la nuit, Que je t’aime, Gabrielle, La musique que j’aime, Ma gueule, Quelque chose de Tennessee, Allumer le feu, Marie...


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha