Femi de j’Abat arashima uko gutanguza kwandika « encyclopédie de la musique » vyagenze

Yanditswe na BUKURU Pacifique
Kuya 13 février 2018 saa 01:15
3330
0 0

Ibikorwa vyo gutanguza iyandikwa ry’igitabo c’ububiko vy’ibikorwa vy’abaririmvyi n’abacuraranzi ciswe « Encyclopédie de la musique Burundaise » vyaratunganijwe mu mpera z’ukwezi kwa mbere.Femi de J’Abat arongoye Fondation Femi de J’Abat iriko ikora ico gikorwa, arashimishwa n’uko ibikorwa vyagenze, agasaba na cane cane abaririmvyi ko bogikora nk’abikorera.

Igikorwa co gutangura kwandika igitabu « Encyclopédie de la musique Burundaise » ryatunganijwe mu mihingo yose y’igihugu kuva 1 ya Rkw’igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 2018, aho ubutumwa bwatangwa ari uguhamagarira abaririmvyi bose kwandikisha ibikorwa vyabo, bakanasigurirwa ko ari umugambi uzobagirira neza mu mwuga wabo, ivyo bakora bikaja hamwe n’ivy’abandi gutyo ntibizokwigere bizimangana, abuzukuru n’abuzukuruza babo bazomenye ico bamaze, bakanakimarira igihugu.

Mu gihe bagendera intara zo mu bumanuko, Femi de J’Abat yabwiye abitavye ibirori ko indoto yaramaranye imyaka 18 yayishikanye,ko rero naho ari intango, abona ko vyose bizogenda neza, bivanye n’ishaka ry’umuntu wese ari mu gikorwa.

Femit de j’Abat, mu ngendo zose yagize mu gihugu hagati yasavye abaririmvyi ndetse n’abari mu ntwaro, ko bokorana neza kugira ntihagire umuririmvyi yibagirwa bivuye ku gusamara canke ukutabishiramwo ugushaka.


Kumenyekanisha

1
elysee niyinkijije 27-02-2018 à 18:04

Andika hano

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha