IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > USA : Bill Gates yatakaje ikibanza ca mbere mu batunze kurusha abandi (...)

USA : Bill Gates yatakaje ikibanza ca mbere mu batunze kurusha abandi kw’isi

vendredi 9 mars 2018

Amakuru dukesha ikinyamakuru Forbes Magazine co muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, amenyesha ko umutunzi Bill Gates yatanguje ubuhinga bwa none bukoreshwa mu mashini nyabwonko bwa microsoft yari mu kibanza ca mbere mu butunzi kw’isi yasubiriwe n’uwundi mutunzi w’umunyamerika.

Jeff Bezos ,yafashe ikibaza ca Bill Gates, nawe yatanguje ubuhinga bukoreshwa mu mashini nyabwonko bwitwa Amazon.

Ico kinyamakuru Forbes Magazine, kimenyesha ko muri uno mwaka wa 2018,Bill Gates, afise imiriyaridi z’amadorari y’abanyamerika 91,5, mu gihe Jeff Bezos afise imiriyoni z’amadorari y’abanyamerika 128,4.

Ico kinyamakuru co ngaho muri Amerika, kiragaruka kivuga ko, umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald TRUMP, yatakaje ikibanza co kuba ku rutonde rw’abantu ijana ba mbere batunze kw’isi.

Imvo ico kinyamakuru gisigura, ni kuba yakoresheje amafaranga menshi mu kwiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yamushikanye ku butegetsi bw’ico gihugu.

Urutonde rw’abatunzi icumi ba mbere batunze kw’isi n’uru :

1.Jeff Bezos
2.Bill Gates
3.Warren Buffett
4.Bernard Arnault
5.Mark Zuckerberg
6.Carlos Slim Helu
7.Amancio Ortega
8.Larry Ellison
9.Charles Koch
10.David Koch


Oscar NDAYISHIMIYE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.