Uwatowe nk’umurundikazi mwiza aba mu bubirigi, ari mu Burundi

Yanditswe na NKURUNZIZA Huguette
Kuya 3 février 2018 saa 01:10
38370
0 0

Kajoline Sona, yatowe nk’umurundikazi mwiza kandi aciye ubwenge aba mu bubirigi, amaze iminsi mu Burundi aho yipfuza kugendera intara zimwe zimwe z’igihugu, c’Uburundi imbere y’ugutangura ibikorwa bijanye n’umugambi wiwe wo guteza imbere uburimyi mu Burundi.

Avugana n’ikinyamakuru IGIHE, Kajoline ntanyegeza akamwemwe n’umunezero afise ko kuba yasubiye mu gihugu camwibarutse.

Ndaryohewe cane, kubona nsubiye kubona incuti n’abagenzi, nkasubira no kubona ubwiza bw’Uburundi.Ndipfuza kugaruka kuba hano.” Nivyo yashikirije mu gihe yariko aganira n’umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru IGIHE.

Mu gihe Kajoline yatowe nk’umurundikazi mwiza kandi aciye ubwenga mu bubirigi kubera umugambi wiwe w’uguteza imbere uburimyi, uwo mwigeme azoja mu ntara zimwe zimwe z’Uburundi nka Gitega, aho akaba mbere ariho yavukiye, hama aje I Ngozi aho se wiwe avuka. Azokwihweza ibikenewe mu bijanye n’uburimyi imbere y’ugushira mu ngiro umugambi wiwe.

Mu gushira mu ngiro uwo mugambi, uwo mwigeme yipfuza guteza imbere uburyo bwo kurima n’ukworora, gushinga ishirahamwe rizohingura rikongera rikabika ivyimburwa, bikazotuma umwibu urwira mu Burundi.

Amaze kubona ko ibikorwa atovyishoboza, Kajoline aramenyesha ko yipfuza gukorana n’umwigeme mwiza kandi aciye ubwenge yatowe mu mwaka wa 2017 hano mu Burundi.

"Sinoshobora kurangura ibikorwa vyose ndi jenye, vyongeye mba hanze y’igihugu, nico gituma nipfuza gukorana na Miss Burundi.”

Kajoline Sona akaba azofata indege imusubiza inyuma kw’igenekerezo rya 13 Ruhuhuma 2018.


Kumenyekanisha

1
SILASI 11-04-2018 à 20:55

Karibu,lgitega, NDANEZEREWE,KOYIYUMVIRA KURIMA MUGABO IGITEGA TWARIDUSIGAYE,DUTUNZWE, NIMYUMBATI NONE,MOZAYIKE IFUKU,VYARAVYONZE’ !

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha