Accueil > Amakuru > umutekano > Baratuza:’’Umutekano wifashe neza ku mbibe z’Uburundi’’
Baratuza:’’Umutekano wifashe neza ku mbibe z’Uburundi’’
jeudi 29 Kigarama 2016
Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi Colonel Gaspard BARATUZA amenyesha ko umutekano wifashe neza hagati mu gihugu no ku mbibe Uburundi buhana n’ibindi bihugu.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane igenekerezo rya 29 Kigarama 2016, Gaspard Baratuza yavuze ko igisirikare c’Uburundi nica Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo bikorana neza.
Gaspard Baratuza yavuze ko kandi ata musirikare w’Uburundi yaguye mu gihugu ca Republika iharanira intwaro Rusangi ya Kongo, ariko ko ari abasirikare batorotse igisirikare c’Uburundi bariko bagerageza kwinjira ngo batere Uburundi bakaraswa n’abasirikare ba Kongo.
Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi yaboneyeho n’akaryo ko kubeshuza amakuru yaciye kuri Radio Okapi ivugira mu buseruko bwa Republika iharanira intwaro Rusangi ya Kongo, hamwe n’iradiyo y’abafaransa RFI ,yavuga ko hario abasirikare b’Uburundi baguye ku butaka bwa Kongo.
IGIHE
Messages
29 Kigarama 2016, 15:42, par Issa
Ariko uyo muntu mumugarukanye gute ga bantu mwe,jew ndamubonye umutima uca uhagarara,n’umubeshi ruhebwau ubuho baheruka kumwirukana muri Munisca mukubesha arusha abapfuye n’abakiriho kugira yihore
29 Kigarama 2016, 15:57, par Ikurakure Darius
Ko mutavuga ko Willy Nyamitwe yahungishirije Umugore n’Abana muri USA?ayo mahoro arihe ko mutangiye guhunga?
29 Kigarama 2016, 16:05, par mahoro
mwizina rya YESU gobera, waturamakosha gusa. hababaye umuvyeyi yaburiyeyo wamukoshiwe
29 Kigarama 2016, 16:10, par Hutsi
Mon Colonel Baratuza, ndagukunda niwirambire mugihugu cawe/cacu camavukiro.
29 Kigarama 2016, 16:22, par Jackson Bargh
gaspar baratuza nakomere kuk,umutekano dufi tuwukesha Imana bo nubutwari nubukerebuts bwingabo zigihugu. nayo abo batorots,igisoda cuburundi bazohera nkifu yimijira
29 Kigarama 2016, 16:52, par uwamahoro
nukuri iyo shobuja atemera kifungurwa zabuze umwana amubazako tutabona ishashe igaragara tumenyeko waguze isashe ugomba gusuma rero uwuhora nuyo ariko uwurira nuwabuze
29 Kigarama 2016, 17:16, par KIRAKUVUMBIKA
ABARUNDI UKO DUTEYE NTITWIGERA TUVUGISHA UKURI KAZIMA WEMERA NABO MWITAKO BATOROTSE HAMA BAKARASWA ! MBEGA MWEHO MWABIMENYE GUTE KO BARASHWE ?
29 Kigarama 2016, 17:16, par CAKIRA
Komera mutama Col BARATUZA abonabashaka ko turyana twebwe ingabo zigihugu turi maso umwanya wose uvyuye izuru nugucakira
29 Kigarama 2016, 17:18, par KIRAKUVUMBIKA
ABARUNDI UKO DUTEYE NTITWIGERA TUVUGISHA UKURI KAZIMA WEMERA NABO MWITAKO BATOROTSE HAMA BAKARASWA ! MBEGA MWEHO MWABIMENYE GUTE KO BARASHWE ?
29 Kigarama 2016, 19:55, par Proud to be rwandan
Hhhhhhhh hanyuma mu kanya umuvugizi wa police y’Uburundi aratubwira Ko u Rwanda ruteza umutekano mucye, mu kandi kanya umuvugizi wigisirakare ati umutekano Ni wose mu gihugu hagati nimbibi zacyo. Ko numva harimo kwivuguruza no kubuguruzanya hagati yi nzego ebyiri zishinzwe umutekano?
29 Kigarama 2016, 20:05, par JEAN
TURASAVYE TWEBWE ABANYAGIHUGU MUTUREKURE TUJE KUBIRONDERERA IZONYANKA BURUNDI NIMBA ZIHARI .
29 Kigarama 2016, 21:20, par Benjamen
Epe Bivuge Ubisubire Umutekanoturawufise.Abakwankabakwandureko.Ahubwodufisizara.Kandizohera.
29 Kigarama 2016, 22:00, par Ntibakorako
Nimukorane Neza Nigisirikare Cakng Mubatuze Izo Njavyi Natwe Abanyagihugu Turinyuma Yanyu.
29 Kigarama 2016, 22:44, par Nema
Abakwanka Nibakwandureko Yataba Aruko Mwitanga Mutiziganya Uburundi Buba Bwara Hindutsebukitwa Nirindizina ! Imana Ihabwe Amashimwe Yongerereze Ubwenge Ninkomezi Nubwi Tonzi Ingabo Zacu !
30 Kigarama 2016, 03:00, par .
Bwasindumuja hano nbwobwatanguye kwandika butukagura nyenixubahiro Baratiza uburero baratuza kabuzeko umutekano ariwose bucabukwakwanya bwegeranye amahera yogucangira canke ayobuZoha abafasha huhugabanya umutekano mubueundi ubinako iyobutamenye amaraso yabarundi ucisanga iyoburi mu Rwanda nomubunirigi bwijiriwe, sha muZokwica murihekurekura ntibirimwo .
30 Kigarama 2016, 06:42, par Pontien Simenya
Uwo Mutama Ni Intwari,abasi Ntaho Bazomuca.
31 Kigarama 2016, 10:50, par jean
Ababa n abagore b abategetsi ko bataba mu gihugu gifise umutekano ntangere
31 Kigarama 2016, 14:20, par PROSPER
AHUBWO UWO MUVUGIZ W’IGISIRIKAR SINIBAZA KO ARIKO AKORA ICO YASHINZW NABANDANY KUBESHA NIVYO VYIW
3 Nzero 2017, 10:17, par morodikayi.
Sha ndakwemeye kurumubeshi abikwiye kabisa!! none kubesha mukujabuka mugenda murikongo mwagenda abarundi tubona, mukugaruka mwagaruka tubona muriko murakubitwa nkibwa yivyi nyama, twariko turarorera uburyo mwakubitwa, ngo nabatoratse igisoda! mbesha mugisoda hotoroka rirya sinzi mwari mwatumye muri kongo, hagasigara abahe? vugishukuri komwakubititse mugashaya. Nejo ntimuzosubire guhenda ubwobusoda hamwe nizombonerakure ngobasubire kwiyahura, noneho birazwi kumugabo mukurira kwiwe avugabenuko.
10 Nzero 2017, 21:17, par EMA
UWO AVUGA NGO NUMUBESHI MURUGO IWE ARATUNGANYA IVYO MUGOVYOSE NTAWIDOGA?. UMWEWESE AMUHA ICO YIFUZA INTASHIMA NIZONKWEZI (...............)