IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bubanza : Abantu batatu bapfiriye mu gitero c’abitwaje ibirwanisho

Bubanza : Abantu batatu bapfiriye mu gitero c’abitwaje ibirwanisho

mardi 17 avril 2018

Amakuru ava aho kw‘ibarabara hegereye ishamba cimeza rya Rukoko, amenyesha ko ico gitero c’abantu bitwaje ibirwanisho cabaye nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro, ku modoka yari ivuye mu ntara ya Cibitoke ije mu gisagara ca Bujumbura, babanje kurasa ku mapine.

Ayo makuru nyene amenyesha ko babiri mu batwara imodoka boba baranyurujwe, mu gihe abandi bantu bafashwe bajanwa n’abo bitwaje ibirwanisho, ahantu hataramenyekana.

Bamwe mu baba hafi y’ahabereye ico gitero, bavuga ko ico gitero coba cakozwe n’abasuma bashaka kwiba, abandi bakavuga ko coba cakozwe n’abantu bari mu mirwi yitwaje ibirwanisho.

Abajejwe intwaro aho muri komine Gihanga bahamagarira abafata ingendo kwirinda kugenda ijoro, kuko ariho inkozi z’ikibi zinyegeza mu gukora ubusuma.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.