Bubanza : Ikiziga c’umuforoma catowe ku ruzi Mpanda

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 25 décembre 2017 saa 07:33
Yasomwe : 9072
0 0

Ikiziga c’umuhungu azwi kw ‘izina rya Onesphore NDUWAYO catowe ku nkengera z’uruzi Mpanda, muri komine Mpanda, intara ya Bubanza, mu gatondo kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 25 Kigarama 2017.

Amakuru ava aho ku mpanda, hamwe no mu muryango wiwe, amenyesha ko Onesphore NDUWAYO yatowe inyuma y’iminsi itatu anyurujwe n’abantu batamenyekanye.

Abo mu muryango wiwe, basaba ko haba amatohoza kugira ibijanye n’urupfu rwa Onesphore NDUWAYO bimenyekane, ariko mu giporisi bakamenyesha ko amatohoza kur’urwo rupfu yamaze gutangura.

Onesphore NDUWAYO yari asanzwe ari umuforoma kw’ivuriro ritoya rya Muremgeza, muri komine Mpanda, intara ya Bubanza.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha