Accueil > Amakuru > umutekano > Bubanza : Umugore yatuririye mu nzu umugabo wiwe
Bubanza : Umugore yatuririye mu nzu umugabo wiwe
vendredi 8 Nyakanga 2017, par
Nk’uko bishikirizwa n’igiporisi, hari nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro ryo kuri uwu wa kane, uwo mugore akaba yabanje kwugaranira mu nzu uwo mugabo wiwe, araheza aturira iyo nzu.
Ababanyi babonye iyo nzu iriko irasha baciye banyarukira gutabara, bakaba bakuyeyo uwo mugabo babanje kubomora umuryango.
Iyo nzu yose hamwe n’ivyarimwo vyarahiye biratokombera, uwo mugabo akaba yakijijwe n’abo babanyi biwe.
Egide NDUWIMANA
Messages
8 Nyakanga 2017, 12:18, par nephtalie
Birababaje cane n’ibara nibaza ko uyo mubisha yamaze gufatwa agashikirizwa inzego zibijejwe.
9 Nyakanga 2017, 02:03, par Nsengiyumva Remy
Ndamuhaye misuhuko uwomugabo, nagende aburye azoramba kabisa.
uwomugore nawe ni bamutware kwamuganga babanze bamupime barabe mumutwe kohoba harakagorori kakorotse.
Abandi barahangayitse ntamahoro bafise kubwogukena abagabo, nawe nukumuturira numuriro!, sindavyemera kabisa kuwomugore yobakomeye.