Bubanza : Umuhanuzi wa Musitanteri wa komine Rugazi yitavye Imana mw’isanganya ry’imodoka

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 5 décembre 2017 saa 01:31
Yasomwe : 14751
0 0

Umuhanuzi wa Musitanteri wa komine Rugazi, intara ya Bubanza yitavye Imana ahitanywe n’isanganya ry’imodoka mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 5 Kigarama 2017.

Nk’uko ikarata karangamuntu yiwe yavyerekanye, uwo yitavye Imana azwi kw’izina rya Didace SINZINKAYO akaba yari asanzwe ari umuhanuzi wa Musitanteri ajejwe ivy’ubuhinga n’iterambere muri komine Rugazi.

Amakuru ava mu Rugazi amenyesha ko Didace SINZINKAYO yitavye Imana igihe imodoka yarimwo yariko ija mu ntara ya Cibitoke yagira isanganya kw’ibarabara rya Bubanza-Cibitoke, muri komine Buganda, ahazwi kw’izina ryo ku Ruhagarika.

Uwo muhanuzi wa Musitanteri muri komine Rugazi Didace SINZINKAYO yaciye yitaba Imana iryo sanganya rigiheza kuba.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha