Accueil > Amakuru > umutekano > Bubanza:Umukuru w’imbonerakure yagarutse mu muryango
Bubanza:Umukuru w’imbonerakure yagarutse mu muryango
jeudi 15 Ruheshi 2017
Amakuru ava mu bajejwe umutekano muri komine Gihanga amenyesha ko Pasteur HAKIZIMANA arongoye urwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD muri Komine Gihanga yari yafashwe n’abantu babiri baba muri village ya 6 bashaka kumwica.
Ayo makuru nyene amenyesha ko umwe mu bashaka kumwica yanse gukora ico gikorwa naho yari yahawe amafaranga,uwo nawe akaba ari uwunyonga imodoka y mu rweg rw’igendereza.
Pasteur HAKIZIMANA yari yafashwe ku munsi wa kane igenekerezo rya 8 Ruheshi 2017,mu muryango wiwe bari bamenyesheje ko kuva aburiwe irengero terefone ngendanwa yiwe yaciye izima.
MUGISHA Van Naris