Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB umutekano
Bubanza : Umuporisi w’Uburundi yishwe n’abantu bataramenyekana
Yanditswe taliki ya 16-11-2016 - isaha 13:20' na IGIHE

GAHUNGU Léonidas, umuporisi w’Uburundi yahora akorera ku kirindiro co ku Muzinda muri komine Rugazi, intara ya Bubanza, yishwe n’abantu bataramenyekana. Abo bantu bamurashije inkoho yari afise yo mu bwoko bwa Kalashnikov, baca bagenda bayitwaye.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko hari nk’igihe c’isaha imwe y’ijoro, uwo muporisi akaba yari agiye kugura ama inite, ari nakwo guhura n’abantu bagera kuri bane bamwatse inkoho yari afise, barayimurasisha.

JPEG - 106.9 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

GAHUNGU Léonidas yarashoboye gushikanwa kwa muganga akiri muzima, ariko akaba yaciye yitaba Imana bariko baragerageza kumuvura.

Igiporisi c’Uburundi kivuga ko amatohoza yamaze gutangura kugira abishe uwo muporisi bafatwe, bashengezwe mu butungane, n’iyo nkoho y’igihugu yibwe iboneke.

OP1 Perre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi akamenyesha ko abantu babiri aribo bamaze gufatwa muri ayo matohoza.

Ivyiyumviro vyanyu

YO UMANA UMUZIGAME UMANA UBANE NAWE ABAMWISHE NABO BABAFATE BASHENGEJWE NUBUTUNGANE UMANA UMUHE UBUGINGO BUDAHERA

5.12.2016 à 19:16
EJIDE

IMANA IMWAKIR

30.11.2016 à 09:53
RIYAZIMANA

ndabakunda cane nimukomeze amatohoza abo bamenja bashengezwe nubutungane

29.11.2016 à 14:25
gerard

birababaje nibantamutekano urimuburumubaturanyi ariko imana irabireba arikonkurunziza ageragezegukaza umutekano

26.11.2016 à 10:52
munyarugambaradjabu

Birababaje

24.11.2016 à 15:11
Désiré

Pole sana ndahojeje umuryango wanyene iyongabo yigihungu yashengeye Imana imwakire mubwami bwayo.

20.11.2016 à 13:11
Keny

Nonenkabobantubabirintibovugaabandibarikumwe

19.11.2016 à 20:33
Nduwimanavincent

Icombona Nuko Hokomezwa Kuba Amatohoza Kwabo Bafashwe Hagafatwa Nizo Zindi Nkuzi Zikibi Niyo Nkoho Ikaboneka Murakoze

18.11.2016 à 09:07
Ntahobari Arcade

ubwinyi mw,ikigihugu ?Abamwish nabarundi koko ?nukuntu nirigwa ndiruka ndondera umutekano w’igihugu ?birababaje ndahay pole umuryango wabuz n,igihugu n,ubushikiranganji bw,umutekano.

17.11.2016 à 18:28
fabrice

Nn Abobantu Bafashwe Nababahafi Yahohantu ? Nn Ntakiravamurayo Matohoza

17.11.2016 à 14:01
Elie Nindamutsa

Ubwobubisha Bandanya Amatohoza Abobantu Bafatwbashengezwe

17.11.2016 à 05:50
Manirampa Fidele

Yishwe naza mbonerakure nibo mwigishije kwica, umusi babahindukiriye niho muzobabona neza. noneho mwese murabibona kwatamu porisi akivuga kumbonerakure, aba porisi kumbonerakure basigaye bameze nkumwana ategekwa nase.

17.11.2016 à 03:29
Morodikayi Jon

Mwebwe muvuga ko aha mugihugu amahoro Ari ryanawe mugabo ntamusi wijana abantu batagandaguwe none urumva ko nawe batanguye kubakoramwo heza mutwereke iyayo mahoro muvuga Ari burya mwarawucanye mugabo kuwuzimya uzobarusha kandi Ngo umanika agatu wicaye waja kukamanura ugahagarara rindira akari munyuma karahinda

16.11.2016 à 16:21
tari

Bantumucicicana.Ntanyungu Numutahe Birimumaraso Managarukiruburundi

16.11.2016 à 14:15
Samuson

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.