Bubanza : Umwe mu banyororo baserukira abandi yafashwe ariko agura inkoho

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 23 Gitugutu 2017 saa 01:58
Yasomwe : 13068
0 0

Abagabo babiri, umwe yariko adandaza inkoho, uwundi yariko arayigura nibo bari mu minwe y’igiporisi c’i Bubanza kuva kuri uwu wa gatandatu. Uwo yariko agura iyo nkoho ni umunyororo wo mw’ibohero rikuru rya Bubanza, ari mu baserukira abandi banyororo, ari mu murwi w’abo bita aba "Généraux".

NDIKUMANA Samuel yari asanzwe apfungiwe muri iryo bohero rya Bubanza yafatiwe hanze y’ibohero kuri uwu wa gatandatu, akaba yafashwe ariko aharura amafaranga ibihumbi mirongo itanu vy’amarundi (50 000 Frs Bu) yashaka kuriha uwumuzaniye inkoho yo mu bwoko bwa "Pistolet."

Inyuma y’ugufatwa hamwe n’ukwumvirizwa n’igiporisi, uwo yariko agurisha iyo nkoho yamenyesheje ko uwo munyororo NDIKUMANA Samuel yari yamutumye inkoho zitandatu zo mu bwoko bwa "Pistolet", hamwe na Gerenade zitandatu nyene, ariko ko yari yabaye arazana iyo nkoho imwe ya mbere yaronse.

Umunyororo NDIKUMANA Samuel yafatiwe hanze y’ibohero asanzwe ari mu banyororo baserukira abandi, abo bita aba "Généraux", abo nabo bakaba bashobora gusohoka ibohero, bakidegemvya uko bashaka, bakongera bakigarukana bonyene mw’ibohero.

Mu giporisi mu ntara ya Bubanza bamenyesha ko amatohoza yamaze gutangura kuri ico caha c’ukugura n’ukugirisha inkoho.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha