Bujumbura : Abantu 7 bapfiriye mw’isanganya ry’imodoka ya OTRACO

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 25 décembre 2017 saa 07:36
Yasomwe :
0 0

Abantu indwi nibo bitavye Imana, 47 barakomereka mw’isanganya ry’imodoka y’ishirahamwe ryo kwunguruza abantu OTRACO ku mugoroba wo kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 24 Kigarama 2017,mu Kamesa ,muri komine Kanyosha,intara ya Bujumbura Rural.

Amakuru ava mu bari begereye ahabereye iryo sanganya amenyesha ko imodoka y’ishirahamwe ryo kwunguruza abantu OTRACO yatembagaye, igihe yari ivuye mu ntara ya Rutana, ija mu gisagara ca Bujumbura.

Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter yaremeje ayo makuru, aho yavuze ko muri 47 bakomeretse , batandatu bababaye cane, kandi ko baciye bajanwa mu bitaro vy’abaganga batagira imbibe.

Amakuru ava muri bamwe bari begereye ahabereye iryo sanganya bavuga ko abantu 5 gusa aribo boba bararokotse muri iryo sanganya.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha