IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura : Abitwaje inkoho bateye ahakorera igisata ca ONU kijejwe agateka (...)

Bujumbura : Abitwaje inkoho bateye ahakorera igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu

mercredi 13 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Nk’uko bivugwa n’abegereye ahakorera ico gisata ca ONU kiri muri zone ya Rohero (Office du Haut Commissaire des Droits de l’Homme au Burundi), amasasu atari make yarumvikanye muri ico kibanza mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri.

N’aho mu giporisi c’Uburundi bavuga ko batazi ivy’ico gitero, amakuru dufise amenyesha ko abateye aho hakorera igisata ONU binjiye mu biro.

Ntiturashobora kumenya ivyoba vyononekariye muri ayo masasu, hamwe n’ivyo abo bateye boba bagiye batwaye.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Abo ntabandi n’Imbonerakure zateye ivyo bureau ,ni hahandi hanyu CPI irabacakira tout

  • mbe nkurumbi mubona ashigaje iki? ntaco akibanga ?

  • Ngo ntibabamenyekanye!
    ivyo bitero vyatewe ni mbonerakure bafatanije nacagi police basazwe baterekwa OUN hamwe nabashebuja babo basazwe babatuma gutikiza abenigihugu.
    Kubwivyo ntabandi bshobora kuba bateye kwize nyubako ni Reta, kugira rwizimanganye ivyo ONU yoba yaratohoje, ikabibika mubiro.
    Ariko baribesha vyarabitswe adata.

  • Mbe komwitwaza imbonerakure gusa mbega bobo sabantu ntibobikora kugira bagume baronka ibirego vyinshi muri ONU Iyo CPI nayo bose izobaraba bose sukuvuga ngo nabari muri reta gusa kuko reta siyo yatanguje iyi migumuko yo mubihe duhitiyemwo itegerezwa kuraba abo ataye abanyagihugu mukaga bagaca bahunga

  • Za muvuga make kuko ntaho tuzoshirana. Kuki ikibaye cose muca muvuga ngo ni imbonerakure?? Murateye isoni kabisa. Ubwo bamwe bategura imigumuko ikabata kuw’amazi ntiboba barinyuma yivyo bitero? Murihenda tuzobana kabisa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.