Bujumbura : Ibisasu vyaturikijwe n’igiporisi

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 2 juin 2017 saa 11:11
Yasomwe : 13131
0 0

Igiporisi c’Uburundi caturikije ku mugoroba wo kuri uwu wa kane ibisasu muri zone ya Jabe mu gisagara ca Bujumbura, hepfo y’ubunywero bita "KWA NTEKUMUTWE. Ibisasu vyaturikijwe ni ibirwanisho vyononekaye hamwe n’ivyafatanwe abagizi ba nabi.

Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi amenyesha ko bigizwe na gerenade 22 hamwe n’ibisasu bibiri vyo mu bwoko bwa Obus.

Mu gihe ibirwanisho vyahora biturikirizwa ku Mudubugu mu ntara ya Bubanza, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi ashikiriza ko ivyo birwanisho biza guturikirizwa mu gisagara ca Bujumbura, kuko batorinda kwunguruza abaza gukurikirana ico gikorwa, abo nabo akaba ari abakurikiranye ivyigwa vyaheruka kuba, ku bijanye n’ukungene ibirwanisho bibikwa, n’ingene hasamburwa ivyononekaye.

JPEG - 39.8 ko
Petero NKURIKIYE umuvugizi w igiporisi c Uburundi

Kumenyekanisha

1
Pfvw 2-06-2017 à 12:29

Ntaworinda kubijana kumudubugu. Kuko nomuntahanga. Harashoboka. Ntabantu. Babahooo

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha