IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura: Ikiziga c’umugabo catowe mu carama,mu gatumba umunyeshuri yicwa (...)

Bujumbura: Ikiziga c’umugabo catowe mu carama,mu gatumba umunyeshuri yicwa acumiswe

mardi 19 Nyakanga 2017

Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi amenyesha ko IRAHEZAGIRA Elysee yari asanzwe aba ahazwi nko kuri Maison Verte,yakora mu nzu y’uburiro aho mu Gatumba ,akaba kandi yiga mu mwaka w’umunani.

Igiporisi kimenyesha ko mu gisagara ca Bujumbura, muri cellule ya 3 , muri quartier ya Carama, zone Kinama, umugabo azwi kw’izina rya MVUKABANKA Felicien yatowe yapfuye mu kinogo kiri ahariko hubakwa inzu ari nayo yari asanzwe ararira.

Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi amenyesha ko MVUKABANKA Felicien yoba yaranizwe imbere yuko atabwa muri ico kinogo.

Mu giporisi bemeza ko abantu babiri bamaze guhagarikwa ku mvo z’amatohoza ku rupfu rwa MVUKABANKA Felicien.

MVUKABANKA Felicien yari asanzwe adandariza amakara muri ico kibanza kirimwo inzu yararira, yavuka muri Komine Mukike,intara ya Bujumbura.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.