IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura-Mairie: Igiporisi casubiriye gusaka muri Quartier (...)

Bujumbura-Mairie: Igiporisi casubiriye gusaka muri Quartier INSS

vendredi 23 Ruheshi 2017

Ico gikorwa co gusaka kibaye ku ncuro ya kabiri mu minsi itatu gusa, muri iyo quartier isanzwe ibamwo abategetsi, hamwe na bamwe mu baserukira ibihugu vyabo mu Burundi.

Ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 21 Ruheshi 2017 igihe hakorwa ico gikorwa co gusaka nyene, umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE yavuze ko ata kintu gishasha cabaye ariko ko ari igikorwa gisanzwe c’abajejwe umutekano.

Ku munsi wa mbere, igenekerezo rya 20 Ruheshi 2017, igikorwa co gusaka carabereye kandi muri quartier ya Kiriri, umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE yavuze ko naho nyene cari igikorwa gisanzwe c’igiporisi, kandi basanze abaho badakoresha amakaye y’imiryango, aca asaba abajejwe intwaro guhimiriza kugira bazirondere.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.