Bujumbura-Rohero: Umuntu umwe yakomerekeye mw’isanganya ry’imodoka

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 31 Mukakaro 2017 saa 09:15
Yasomwe : 8883
0 0

Umuntu umwe yakomeretse mw’isanganya ry’imodoka ryabaye mu gatondo ko kuri uno wa mbere igenekerezo rya 31 Mukakaro 2017 kw’ibarabara ryitiriwe igihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.

Uwutwara imodoka yunguruza abantu ‘’Taxi’’ yagonzwe, yatumenyesheje ko hari nk’igihe c’isaha icumi n’imwe n’igice zo mu gatondo, aho abantu bamuhagarika kugira abunguruze, hafi y’ishuri Ecole Independante imbere y’urusengero rw’aba orthodoxes, agihagaze aca agongwa n’imodoka yo mu bwoko bwa Jeep, mu gihe yari ihejeje gutembagara.

Uwo atwara imodoka yunguruza abantu yavuze ko mu gihe yari arindiriye umwe mubo yategerezwa kwunguruza, haje imodoka yo mu bwoko bwa jeep Prado, abona iratembagaye ica iseka imodoka yiwe iyisanze aho ihagaze.

Yatumenyesheje ko naho imodoka yatembagaye gushika aho amapine aja hejuru, ata muntu yitavye Imana, ariko ko umwe mu bari muri iyo jeep yatembagaye yakomeretse, aca ajanwa mu bitaro.

Uwo atwara imodoka yunguruza abantu yavuze ko aravye uko iryo sanganya ryabaye, bigoye gusigura icatumye riba, akavuga ko ari isanganya nk’ayandi yose kuko imodoka itariko igenda mu muvuduko munini.


Kumenyekanisha

1
MVUGAKURI 31-07-2017 à 10:55

Bararaba neza kubera hari kuwa mbere mu gatondo usanga uwo yatwara jeep yari yaraye arasoma akarwa bica bituma atakaza ubwenge canke arasinzira ari kuri volant. Kuberiki samedi mu gatondo,dimanche na lundi hakunda kuba accident. ubwo PSR irakora neza? Je doute

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha