Bururi : Ibirwanisho bitandukanye vyafashwe

Yanditswe na
Kuya 27 mai 2017 saa 12:50
Yasomwe : 19323
0 0

Abantu bane bafatanwe ibirwanisho bitandukanye muri komine Matana, intara ya Bururi, mu gatondo ka kare kuri uwu wa gatandatu nk’igice c’isaha icenda n’iminota mirongo itatu. Abo bantu ntibafashwe ivyo birwanisho batorotse abanyagihugu bashaka kubafata.

Ivyo birwanisho vyafashwe bigizwe n’inkoho imwe yo mu bwoko bwa Kalashnikov, gerenade zibiri, hamwe n’amasasu 155.

Abo bantu bitwaje ibirwanisho bari bambaye impuzu zirabura, bakaba bategerewe n’abanyagihugu bagira n abasuma. Babonye bofatwa, baciye baterera hasi ivyo birwanisho bariraka. N’aho abo banyagihugu baciye batabaza abajejwe umutekano, bageze kuhashika bamaze kuzimangana.

Mu giporisi c’intara ya Bururi bamenyesha ko bataramenya abo bantu abaribo, ariko bakavuga ko bariko barabarondera.


Kumenyekanisha

1
Sb 30-05-2017 à 15:27

Imana Imwakire Kweli

2
FIACRE 29-05-2017 à 21:20

BIRAGOY NTANUMW BAFASHE ?

3
FIACRE 29-05-2017 à 21:19

BIRAGOY NTANUMW BAFASHE ?

4
FIACRE 29-05-2017 à 21:18

BIRAGOY NTANUMW BAFASHE ?

5
Reyimo 29-05-2017 à 20:54

Inzu Yimakamba Habubaka Yigasenyi

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha