Bururi : Umugabo yitavye Imana yishwe n’umugore wiwe

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 28 mai 2018 saa 02:09
22560
0 0

Umugabo umwe yaritavye Imana mw’ijoro ryo kur’uyu w’Imana, igenekerezo rya 27 Rusama 2017,yishwe n’umugore wiwe azwi kw’izina rya Evangeline NDAYIZIGIYE.

Uwo mugabo yishwe azwi kw’izina rya NTIRANYIBAGIRA Jean Marie w’imyaka 43 y’amavuka, yiciwe ku mutumbaKiremba, Zone Muzenga, Komine n’intara ya Bururi.

Ababanyi b’uwo mugabo yaraye yishwe, bavuga ko bataramenya icatumye, umugore afata ingingo yo kwica umugabo wiwe.

Mu bajejwe intwaro n’umutekano, baremeza ayo makuru bakamenyesha ko, amatohoza yamaze gutangura kugira bamenye icatumye uwo mugore yica umugabo wiwe.


Kumenyekanisha

1
Jacq 29-05-2018 à 06:52

Uwo Mugor Yarikwiyegufatwa Akavuga Icatumye Afata Ingingo Yokwica Umugabowiwe

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha