Incamake

Buterere : Abantu 3 baritavye Imana, 43 barakomereka baguweko n’inzu

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 17 mars 2018 saa 11:35
11550
0 0

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko igikorwa co gutabara aho inzu y’igorofa yahenutse muri quartier Kiyange, zone Buterere carangiye. Avuga ko abantu batatu aribo bitavye Imana, 43 barakomereka.

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko inyuma y’abatowe kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 16 Ntwarante 2018 iyo nzu igihenuka, ata bandi basubiye gutorwa.

Iyo nzu y’igorofa yahenutse mu gatondo ko kur’uyu wa gatanu igihe abakozi bariko bashirako igisenge ku nzu igira kabiri uduga mu kirere, bakoresheje isima n’umusenyi (beton).

Amakuru yavuye ahariko hubakwa iyo nzu, yamenyesheje ko umwe mu bitavye Imana yoba ari umukenyezi nyene inzu, yari yazindukiye muri ico kibanza kuraba aho ibikorwa bigeze.


Kumenyekanisha

1
Nduwima Navena 18-03-2018 à 12:25

Kubwanje Ndihanganisha Igihugu :nababuriye Murayomasanganya Kuko Igihugu Nabeni Gihugu Turahonvye ! Imana Nidufashe.

2
JEAN MARIE 17-03-2018 à 16:21

ABABUZE ABABO NDABAHOJJ IMANA IBAKIR MUBWAMI BWAYO

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha