IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Buterere : Abanyagihugu basabwa kwubahiriza amategeko agenga (...)

Buterere : Abanyagihugu basabwa kwubahiriza amategeko agenga ibidukikije

jeudi 3 mai 2018

Mu rugendo yagize muri zone Buterere, inyuma y’umutaga wo kur’uno wa gatatu, igenekerezo rya 2 Rusama 2018, umushikiranganji w’umutekano no gukinga ibiza yavuze ko amazi yateye muri zone ya Buterere yavuye ku ruzi Mutimbuzi rwataye inzira, ruca rwinjira mu mazu y’abantu.

Umushikiranganji Alain Guillaume BUNYONI avuga ariko ko, bakoranye n’abandi bafashanya mu gisata co gukinga ibiza kugira basubize uruzi mu nzira yarwo, kandi ico gikorwa caheze, ubu uruzi Mutimbuzi rwamaze gusubira mu nzira yarwo.

Alain Guillaume BUNYONI aramutswa ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza, arahumuriza abanyagihugu, ko ibikorwa vyo gukinga kugira uruzi Mutimbuzi ntirusubire guta inzira bigeze ku rugero rushimishije kandi ko inkombe zarwo ziriko zirakingirwa kugira ntiruronke aho rusubira gutoborera.

Umushikiranganji w’umutekano no gukinga ibiza,Alain Guillaume BUNYONI yemeza ko ibiza nk’ivyo biboneka no mu bindi bihugu kw ‘isi, ariko ko, abanyagihugu bategerezwa kugira ico bakoze kugira bakinge ibiza.

Ati : « Mu gukinga ,abantu bategerzwa kwubahiriza ibiti biba vyatewe mu gihugu, ku misozi, ku nkengera z’inzuzi n’ibiyaga, bagahimirizwa gutera ibiti vyinshi kugira basubire gusakara isi. »

Umushikiranganji Alain Guillaume BUNYONI avuga ko imisozi ihanamiye igisagara ca Bujumbura yambuwe, ko ikenewe gukingirwa mu guca imikobeko no gutera ivyatsi bikingira isi ndimwa kugira inkukura ntibe nyinshi ngo ice inzira zayo.

Ahamagarira abarima hafi y’inzuzi kwubahiriza imetero 25 canke 30 zitegerezwa kwubahirizwa uva ku ruzi, kuko bituma inkombe zoroshwa nukwo kuharima amazi akinjiramwo hanyuma inkombe zigasenyuka.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.