Accueil > Amakuru > umutekano > Buterere : Gerenade yatewe ahakorera igiporisi
Buterere : Gerenade yatewe ahakorera igiporisi
samedi 30 Nyakanga 2017, par
Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi ashikiriza ko iyo Gerenade yatewe mu gihe abaporisi bariko bakurikirana umwe mu bantu babiri bari bitwaje inkoho yo mu bwoko bwa Pistolet. Uwagirizwa ko ariwe yateye iyo Gerenade yarafashwe n’abanyagihugu, baramukubita bikomeye, ubu akaba ariko avurirwa mu bitaro vy’abaganga batagira imbibe mu Kigobe (MSF : Médecins Sans Frontières).

Mu giporisi bavuga kandi umwana w’umukobwa w’imyaka indwi yatowe ku nkengera z’uruzi Nyabagere ku ruhande rwa zone Cibitoke, muri komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura. Uwo mwana yafashwe ku nguvu n’umuntu atamenyekanye, akaba yaciye ajanwa nawe nyene kuvurirwa ku bitaro vy’abaganga batagira imbibe mu Kigobe (MSF : Médecins Sans Frontières).
Uwamufashe ku nguvu yamusize ari indembe, nk’uko vyemezwa n’igiporisi.
Egide NDUWIMANA