IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Buterere : Gerenade yatewe ahakorera igiporisi

Buterere : Gerenade yatewe ahakorera igiporisi

samedi 30 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi ashikiriza ko iyo Gerenade yatewe mu gihe abaporisi bariko bakurikirana umwe mu bantu babiri bari bitwaje inkoho yo mu bwoko bwa Pistolet. Uwagirizwa ko ariwe yateye iyo Gerenade yarafashwe n’abanyagihugu, baramukubita bikomeye, ubu akaba ariko avurirwa mu bitaro vy’abaganga batagira imbibe mu Kigobe (MSF : Médecins Sans Frontières).

Mu giporisi bavuga kandi umwana w’umukobwa w’imyaka indwi yatowe ku nkengera z’uruzi Nyabagere ku ruhande rwa zone Cibitoke, muri komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura. Uwo mwana yafashwe ku nguvu n’umuntu atamenyekanye, akaba yaciye ajanwa nawe nyene kuvurirwa ku bitaro vy’abaganga batagira imbibe mu Kigobe (MSF : Médecins Sans Frontières).

Uwamufashe ku nguvu yamusize ari indembe, nk’uko vyemezwa n’igiporisi.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.