Buyenzi:Ikiziga c’umugabo atamenyekanye catowe mu muserege

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 16 janvier 2018 saa 10:43
Yasomwe : 12636
0 0

Ikiziga c’umugabo atamenyekanye catowe muri quartier Buyenzi, ahari igituro c’imodoka zunguruza abantu hazwi nko kur foyer, mu gatondo ko kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 16 Nzero 2018.

Amakuru ava aho mu Buyenzi amenyesha ko abazindukiye mu mirimo basanze ico kiziga mu muserege ujana amazi, ariko amamuko yiwe n’umwidondoro wiwe bikaba bitamenyekanye.

Abakorera hafi y’ico kibanza bakamenyesha ko ashobora kuba hayashizwe n’inkozi z’ikibi zihejeje kumugandagura, zimunize.

Ico kiziga kikaba cahavuye gutwarwa na rusehabaniha, kijanwa mu buruhukiro bw’ibitaro bimwe biri mu gisagara ca Bujumbura.

Mu giporisi c’Uburundi baremeza ayo makuru ; umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE amenyesha ko uwo yatowe ikiziga azwi kw’izina rya NDAYISABA Joachim yavuka muri komine Buraza, intara ya Gitega.

Pierre NKURIKIYE avuga ko yoba yishwe n’abagenziwe bakorana ubusuma bwo kwiba mw’ijoro, bamuziza terefone ngendanwa boba bari bivye mu micungararo y’aho yatowe ikiziga.

Umuvugizi w’igiporisi amenyesha ko abantu batanu bakorana ubusuma bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha