Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Buyenzi : Umuntu avuka mu ntara ya Kayanza yatowe ikiziga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Buyenzi : Umuntu avuka mu ntara ya Kayanza yatowe ikiziga

Buyenzi : Umuntu avuka mu ntara ya Kayanza yatowe ikiziga

mardi 20 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi ashikiriza ko uwo yatowe yapfuye azwi kw’izina rya Pascal YAMUREMYE w’imyaka 21, mu giporisi bakikeka ko yoba yishwe n’ingwara kuko yari amaze iminsi amagara amukitse, nk’uko ababanyi biwe babibwiye abajejwe umutekano.

YAMUREMYE yavuka mu ntara ya Kayanza, ikiziga catowe kw’ibarabara ry’indwi nomero 30. Ico kiziga nta kimenyetso na kimwe cari gifise vyerekana ko yoba yarakubiswe canke yarakozweko ubugizi bwa nabi. Nta muntu n’umwe yafashwe inyuma y’itorwa ry’ico kiziga.

Mu giporisi bemeza ko uwo yatowe ikiziga yari mu bantu bayerera mu gisagara ca Bujumbura batagira aho baba.

Umuryango w’uwo yitavye Imana waciye udugana ico kiziga kugira uwo muntu ashinguranwe iteka.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.