Accueil > Amakuru > umutekano > Buyenzi : Umuntu avuka mu ntara ya Kayanza yatowe ikiziga
Buyenzi : Umuntu avuka mu ntara ya Kayanza yatowe ikiziga
mardi 20 Ruheshi 2017, par
Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi ashikiriza ko uwo yatowe yapfuye azwi kw’izina rya Pascal YAMUREMYE w’imyaka 21, mu giporisi bakikeka ko yoba yishwe n’ingwara kuko yari amaze iminsi amagara amukitse, nk’uko ababanyi biwe babibwiye abajejwe umutekano.
YAMUREMYE yavuka mu ntara ya Kayanza, ikiziga catowe kw’ibarabara ry’indwi nomero 30. Ico kiziga nta kimenyetso na kimwe cari gifise vyerekana ko yoba yarakubiswe canke yarakozweko ubugizi bwa nabi. Nta muntu n’umwe yafashwe inyuma y’itorwa ry’ico kiziga.
Mu giporisi bemeza ko uwo yatowe ikiziga yari mu bantu bayerera mu gisagara ca Bujumbura batagira aho baba.
Umuryango w’uwo yitavye Imana waciye udugana ico kiziga kugira uwo muntu ashinguranwe iteka.
Egide NDUWIMANA