Bwiza : Abantu babiri bakomerekejwe na Gerenade

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 11 décembre 2017 saa 09:13
12060
0 0

Abantu babiri nibo bakomeretse mw’ijoro ryo kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 10 Kigarama 2017, mu gitero ca gerenade cabereye muri zone ya Bwiza,komine Muha, igisagara ca Bujumbura.

Amakuru ava mu Bwiza, amenyesha ko ico gitero cabereye kw’ibarabara rya kabiri, ku bunywero bwitwa ku Micopo, nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro, ahatewe gerenade zibiri, mu gihe abantu bariko bivuna akanyota.

Ayo makuru nyene amenyesha ko abantu babiri aribo baciye bakomereka, bakaba baciye bajanwa kuvurizwa mu bitaro vyo mu gisagara ca Bujumbura.

Mu giporisi c’Uburundi baremeza ayo makuru,bakamenyesha ko iyo gerenade yatewe mu muserege uri hafi y’ubunywero bita ku Mucopo,ikomeretsa abantu babiri ariko batababaye cane.

Moise NKURUNZIZA icegerac’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko amatohoza yamaze gutangura kugira bamenye uwateye iyo gerenade.

Mu kiringo c’indwi imwe gusa, bibaye ku ncuro ya gatatu aho gerenade ziterwa mu gisagara ca Bujumbura. izatewe muri zone Musaga na Buyenzi zatumye abantu batanu bakomereka, mu gihe iyatewe muri komine Bwiza kugituro c’imodoka zunguruza abantu yakomerekeje abantu 5.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha