Accueil > Amakuru > umutekano > Bwiza : Abantu batanu bakomerekejwe na Gerenade yatewe ku gituro (...)
Bwiza : Abantu batanu bakomerekejwe na Gerenade yatewe ku gituro c’imiduga
lundi 4 Kigarama 2017, par
Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko iyo Gerenade yatewe nk’igihe c’isaha imwe n’iminota mirongo ine n’itatu, hafi y’ahari inzu y’ubuvuzi izwi kw’izina rya "Maison médicale."
Abantu batanu nibo bakomerekejwe n’iyo Gerenade, babiri muribo bakaba basinzikaye, nk’uko vyemezwa n’igiporisi c’Uburundi.
Mu giporisi bavuga kandi ko umuntu umwe yikekwa ko ariwe yateye iyo Geranade yafashwe.

Egide NDUWIMANA
Messages
6 Kigarama 2017, 15:16, par Hafsa
Imbonerakure ziratumaze