Bwiza : Umugabo yatowe ikiziga mu cumba c’umwigeme bari bararanye

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 28 Munyonyo 2017 saa 01:32
80175
0 0

Umugabo yahora aba muri karitiye ya Mutanga Nord muri zone ya Gihosha igisagara ca Bujumbura yitavye Imana mu buryo butaramenyekana. Uwo mugabo yatowe ikiziga mu cumba c’umwigeme bivugwa n’igiporisi, ko adandaza umubiri (Maraya) bari bararanye.

Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko abajejwe umutekano bahamagawe muri zone ya Bwiza, mu gisagara ca Bujumbura, kw’ibarabara rya 4 nomero 87, basanga umuntu yitavye Imana mu nzu y’umwigeme bivugwa n’igiporisi ko adandaza umubiri.

Mu giporisi bavuga ko uwo yatowe ikiziga azwi kw’izina rya Rumonge Leonard yahora yigisha kuri Kaminuza yitiriwe Umwizero wa Afrika (Université Espoir d’Afrique), akaba yatanga ivyigwa bijanye n’ivy’ubutunzi. Yahora aba muri Mutanga Nord mu gisagara ca Bujumbura, kuri « Avenue Nyanzuki »

Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi ashikiriza ivyo abajejwe umutekano bamaze kumenya kuvy’urwo rupfu rwa Rumonge Leonard :

"Ejo yari yararanye n’umumaraya, bamwe badandaza umubiri, bari bararanye mu kazu k’uwo mumaraya. Bagorobeje hamwe mu nzu y’ubutambiro izwi kw’izina rya 5/5 hanyuma nko muma sakumi y’ijoro z’agatondo ko kuri uwu wa kabiri bahavuye baja muri ako kumba k’umumaraya, hanyuma baraheza barashurashura. Mu gitondo, nk’igihe c’isaha cumi na zibiri bavyutse, uwo mugabo arasohora imodoka yiwe ayishira hanze, hanyuma aca aragaruka basubira kuryama. Nk’igihe c’isaha imwe y’agatondo niho yitavye Imana."

Mu giporisi bamenyesha ko icishe uwo mugabo kitaramenyekana. Uwo mwigeme adandaza umubiri bararanye, Melaniya NIMBONA w’imyaka 32, yafashwe ku mvo z’amatohoza.


Kumenyekanisha

1
MASO 29-11-2017 à 15:27

Ariko nta soni kuvuga inabi ku muntu ya sezeye isi .Ewe ! Salvator , ufatwe kabisa .

2
Amahinyu 29-11-2017 à 12:54

@Ikurakure Salvator
"Amakuru dukura mu Bwiza ni uko uwo mugabo yanizwe n’Imbonerakure..."

Imbonerakure zamwica zimuhora iki ga wa gipfu we? Ahubwo ni bagufate urinda kuba uri mu bamugaritse wa mu menja we!

3
Busurahende 28-11-2017 à 23:13

Nkurikiye abisiguye nk’uwari yamukurikaranye umwanya munini. Mugabo bigoye kwemera.

4
Ikurakure Salvator 28-11-2017 à 14:59

Amakuru dukura mu Bwiza ni uko uwo mugabo yanizwe n’Imbonerakure,ntimuronderere ahandi,genda DD wazanye akabi kabishe

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha